NT Kirundi

Page 31

XXIII

Igice ca 3 :

Urashobora kwuzura Mpwemu Yera Ubuzima bwuzuye Mpwemu Yera ni ubuzima burongorwa na Kristo kandi Kristo akaba muri bwo mu bushobozi bwa Mpwemu Yera. Urashobora kwuzura Mpwemu Yera mu kwizera no kwemerera Imana ko iguha ubuzima busagutse nk’uko yabisezeranye. Ibi bikurikira ni intambuko zitatu zerekana ingene wokwuzura Mpwemu Yera. Kwatura : Atura ivyaha vyawe vyose. Zaburi 66 : 18 havuga ngo « Iyaba nari nshize umutima wanje ku vyo kugabitanya, Umwami Imana ntaba yaranyumviye ». Ni kubera iki bikenewe kwatura ivyaha vyose uzi kugira wuzure Mpwemu Yera? (Imana izogiriranira ubumwe nawe igihe uzoba wogeje neza umutima wawe.) Gushikiriza : Shikiriza ubuzima bwawe bwose Imana (Abaroma 6 : 12,13 urupapuro 315). Kwegurira ubugingo bwawe Imana bisaba iki? (Vugana n’Imana ku vyerekeye ingingo ufata ku bijanye n’amahera, imigenderanire n’abandi, akazi, umuryango…) Kwizera : Izere ko Mpwemu Yera akwuzura. 1. Imana yagutegetse kwuzura Mpwemu Yera (Abanyefeso 5 : 18 urupapuro 397). 2. Imana yagusezeraniye ko izokwishura ivyo usaba bihwanye n’ubugombe bwayo (1 Yohana 5 : 14, 15 urupapuro 490).


Issuu converts static files into: digital portfolios, online yearbooks, online catalogs, digital photo albums and more. Sign up and create your flipbook.