The Secret of True Life / Kirundi

Page 1

Agakarata Ikibanza c’igikumu

Kurondera inyishu y’ubuzima?

Kuri: ______________________________________________________ ______________________________________________________ ______________________________________________________

IBANGA

RY’UBUZIMA Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose, ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mugusenga no mukwinginga bifatanije no gukenguruka. Maze amahoro y’imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoteramira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu. Abo I Filipi 4: 6-7

BW’UKURI

IBANGA

RY’UBUZIMA BW’UKURI

Ni gute noronka amahoro nyakuri?

Mbega uraremerewe n’umutwaro munini?

Mbega urazi neza iherezo ry’ubuzima bwawe?



Kurondera inyishu y’ubuzima?

IBANGA

RY’UBUZIMA BW’UKURI

Ni gute noronka amahoro nyakuri?

Mbega uraremerewe n’umutwaro munini?

Mbega urazi neza iherezo ry’ubuzima bwawe?


K umenya

ingene ubaho ubuzima nk’uko umuremyi yabiteguye. Waremewe kugira ubuzima bw’umunezero. Iki gitabu kizogufasha kumenya ingene ubaho nkuko umuremyi yabiteguye. Kivuga ibiva mugitabu cambere kigurishwa kw’isi. Bibiliya Yera. Ama miriyoni y’abantu kw’Isi bahindukiriye iki gitabu bakironderamwo inyishu y’ibibabazo n’ingorane z’ubuzima. Kuva muntango gushika mumpera, iki gitabu kivuga Imana. Imana yaremye Isi, irema abagabo n’abagore mw’Ishusho yayo kubw’umugambi wayo. None habaye ingorane iyihe? Iki gitabu kirasigura kandi kikerekana ingene ushobora kugira ubuzima bufise imigenderanire n’Imana isumba vyose.

2


Imana isumba vyose, yaremye Isi n’ijuru

Ubwambere na mbere Imana yaremye ijuru n’isi. Imana iravuga, iti mumazi ni hasegenyuke isegenya ry’ibifise ubugingo, kand’ibiguruka ni biguruke hejuru y’isi mu kirere c’ijuru. Imana iravuga, it’isi n’izane ibiri n’ubugingo, nk’uko amoko yavyo ari, vy’ibitungano n’ivyikwega hasi n’ibikoko vyo mw’isi, nk’uko amoko yavyo ari: biba kuno. Imana iravuga, iti tureme umuntu mw’ishusho yacu, ase natwe: aganze amafi yo mukiyaga, n’ibiguruka mukirere, n’ibitungano, n’isi yose, n’ivyikwega vyose, bigenda bikwega inda hasi.

Isi Imana yaremye

N’ukw’Imana irema umuntu mw’ishusho yayo, mw’ishusho y’Imana ni ho yamuremye; irema abantu bar’uburyo bubiri. Maz’Imana irabahezagira, iti ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze; Mugabe amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ibifise ubugingo vyose bigendagenda kw’Isi. Itanguriro 1:1, 20, 24, 26-28 3


Isi Imana yaremye Imana isumba vyose n’Imana Data y’urukundo. “Kandi nzobabera so, namwe muzombera abahungu n’abakobwa, ni k’uhoraho ashobora vyose agize.” 2 Ab’ikorinto 6:18

4


Har’umuntu muri mwebwe, umwana wiwe yomusaba umutsima akamuha ibuye?

Ibuy

e

Canke yomusaba ifi, akamuha inzoka? None mwebwe, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega so wo mwijuru ntazorushiriza rwose guha ivyiza ababimusavye? Matayo 7: 9-11

Ariko kuri twebwe har’ Imana imwe, Data wa twese, yandurukwamwo na vyose, natwe twabesherejweho kuba abayo: kandi har’umwami umwe, ni Yesu Kristo, abeshaho vyose, natwe akatubeshaho. 1 Ab’ikorinto 8:6 5


Har’Imana imwe n’umuhuza Umwe w’Imana n’abantu

Muburyo bubaje, umuntu yahaye ibitugu Imana. Twese twazimiye nk’intama, twese twagiye isabagire, umuntu wese mu nzira yiwe. Yesaya 53:6

6


Inzira yanje

Inzira y’imana a ar Itwzira in nje ya

Igipfu cibwira mu mutima kiti: “Nta Mana iriho.” Barononekaye, bakoze ibibi vy’ubuyobe n’ukugabitanya, ntawukora ivyiza. Imana yitegereza neza mu bana b’abantu, iri mw’Ijuru kugirango irabe ko harimwo abatahura, barondera Imana. Bose basubiye inyuma, bose hamwe baranduye, ntawukora ivyiza, eka nta n’umwe. Zaburi 53:1-3

7


Ushobora kumenya Imana isumba vyose uciye mu

Mwami Yesu Kristo. Niwe shusho y’Imana itaboneka, niwe mfura mu vyaremwe vyose, Kuko muriwe ariho vyose vyaremewe, ivyo mw’ijuru n’ivyo mw’isi, ibiboneka n’ibitaboneka. Abo ikolosayi 1:15-16

8


Umuntu Imana

Hari Imana Imwe n’umuhuza umwe.

Kuko har’Imana imwe, kandi har’umuhuza umwe w’Imana n’abantu, nawe nyene n’umuntu ni Kristo Yesu, yitanze kw’incungu ya bose. Kand’ivyo bishingirwe intahe mubihe vyavyo. 1 Timoteyo 2: 5-6

Uwo, kukw’ar’ugukayangana kw’ubwiza bwayo, n’ishusho y’akameremere kayo, kandi ashigikiza vyose ijambo ry’ubushobozi bwiwe, ahejeje gushiraho umwuhagiro w’ivyaha,avyagira i buryo bw’icubahiro mu bwami bwo mw’ijuru. Abaheburayo 1:3

Umuntu ahakana Umwana, na Data wa twese ntamufise. Uwemera umwana afise na Data wa twese. 1 Yohana 2:23 9


Umwami Yesu yazanye inkuru nziza kuri

Aboro, Abarindwa, Abahahazwa N’Abarwaye Rivuga ivya Yesu umunyanazareti, ingene Imana yamusutseko Mpwemu yera n’ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose satani atwaza amanyama, kuko Imana yarikumwe nawe. Ivyakozwe n’Intumwa 10:38 10


Aja i Nazareti, iyo yakuriye; Ku musi w’isabato yinjira mw’isinagogi, nkuko yaramenyereye, ava hasi ngo asome. Bamuha igitabu c’umuvugishwa n’Imana Yesaya, arakizingurura, abona ahantu handitswe ngo:

“Mpwemu w’uhoraho ari kuri jewe, nico catumye andobanuza amavuta kugira ngo mbwire aboro ubutumwa bwiza. Yantumye kumenyesha abarindwa ko barekuwe , n’impumyi ko zihumuka, no kurekura abahahazwa ngo bidegemvye, no kumenyesha abantu umwaka wo kwemererwamwo n’Uhoraho” Azinga igitabu, agisubiza umusanzi w’inzu, aricara; abantu bose bari mw’isinagogi bamuhanga amaso. Atangura kubabwira ati: ”Ivyo vyanditswe birashitse uwu musi, nk’uko amatwi yanyu yiyumviye.” Luka 4:16-21

11


Umwami Yesu arafise

ububasha bwo Gukiza Ku kagoroba , kukirengazuba, bamuzanira abarwaye bose n’abinjiwemwo n’abadayimoni. Igisagara cose gikoranira kw’irembo. Igisagara cose gikoranira kw’irembo. Akiza benshi bari barwaye Indwara zitandukanye, asenda abadayimoni benshi, ntiyakundira abo badayimoni ko bavuga, kuko bari bamuzi. Mariko 1:32-34

12


Kandi umugore arwaye kuguma ava amaraso yari abimaranye imyaka cumi n,ibiri, yababajwe cane n’abavuzi benshi bamumariyeko ibintu vyiwe vyose , ntihagira ico bamumarira, mbere arushiriza kurwara. Yumvise ivya Yesu araza, aca hagati y’ishengero, amuturuka inyuma, akora kumpuzu yiwe . yari yibwiye ati “Niyo nokora ku mpuzu ziwe gusa nokira.” Uwo mwanya isoko y’amaraso irakama, amenya mumubiri wiwe yuko akize ico cago. ako kanya Yesu yumva muri we ubushozi bumuvamwo, ahindukirira ishengero arababwira ati ”Ninde akoze kumpuzu zanje?” Abigishwa biwe baramwishura bati “Ubone abantu bariko barakubanda nawe ukagira ngo ninde ankozeko?” Aberaguzamwo amaso ngo abone uwumukozeko. Uwo mugore aratinya, ahinda agashitsi, kuko azi ikimubayeko, araza amwikubita imbere, amubarira ivy’ukuri vyose. Yesu aramubwira ati: “Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro, ukire rwose icago cawe.” Mariko 5:25-34

13


Umwami Yesu afise

Ububasha kumpwemu zihumanye

UBWOBA?! Biratangaje?!

14


Bashitse I kaperinawumu, aca yinjira mw’isinagogi kw’isabato, arabigisha. Batangazwa n;inyigisho ziwe, kuko yabigisha nk’uwufise ububasha, ntase nk’abanyabwenge b’ivyanditswe . Uwo mwanya mw’isinagogi yabo hari umuntu yinjiwemwo n’impwemu ihumanye, arasemerera ati: ”Utugomba iki ga Yesu Munyanazareti? Uje kuduhonya? Ndakuzi uwo uri we, uri Uwera w”Imana.” Yesu aramuzibizi ati: ”Hora, muvemwo.” Iyo mpwemu ihumanye iramujegeza, irasemerera, ivuga n’ijwi rirenga, imuvamwo. Bose baratangara, bituma babazanya bati: ”Mbega ibi n’ibiki? Ni ukwigisha gushasha! Ategeka n’impwemu zihumanye, nazo zikamwumvira.” Mariko 1:21-27

Birateye

15


Umwami Yesu arafise

Ububasha kuvyaremwe

16


Igihe kimwe Yesu n’abigishwa biwe batambukira mu bwato, arababwira ati: ”Tujabuke, tuje hakurya y’ikiyaga.” Baca baragenda, bava ku kombe. Bariko baragenda, arasinzira; haduka iguhuhusi c’umuyaga mu kiyaga, ubwato bwariko buruzura amazi bari mw’irinde. Baraza baramukangura bati: ”Mwigisha, Mwigisha, turapfuye!” Arikangura, azibiza ingunza n’ugusuriranya kw’amazi; birahora, haba agahwekere. Arababaza ati: ”Mbega ukwizera kwanyu kuri hehe? “ Baratinya baratangara. Barabazanya bati: ”Mbega uwu ni umuntu ki, ko abarira n’umuyaga n’amazi bikamwunvira?” Luka 8:22-25

17


Umwami Yesu arafise

Ububasha bwoguharira ivyaha Mbega yabikoze GUTE?

18


Maze haza abagabo bazanye ikimuga, bagiteruye mu nderuzo, barondera ingene bacinjiza ngo bagishire imbere yiwe. Babuze aho bacinjiriza kubwo ishengero, burira hejuru ku nzu, bagicisha mu mategura, ayisakaye, bacururutsa munderuzo hagati y’abantu imbere ya Yesu. Abonye ukwizera kwabo, aravuga ati: ”Ewe muntu, ivyaha vyawe urabihariwe.” Abanyabwenge b’ivyanditswe n’abafarisayo batangura kwiburanya bati: ”Uwo ninde arogose? Ninde ashobora guharira ivyaha atari Imana yonyene?” Maze Yesu amenye ivyo biburanya arababaza ati: “Mwiburanya ibiki mumitima yanyu? Icoroshe n’ikihe, ni ukuvuga nti:” urahariwe ivyaha vyawe; canke ni ukuvuga nti: ”Vyuka ugende?” Ariko kugira mumenye ko umwana w’umuntu afise ububasha mw’isi bwo guharira ivyaha “Abwira ico kimuga ati:” Ndakubariye nti vyuka, wikorere inderuzo yawe, utahe.” Aca avyuka imbere yabo, yikorera inderuzo yari aryamyemwo, arataha, ahimbaza Imana .Bose barumirwa cane, bahimbaza Imana, baterwa n’ubwoba bwinshi bati: “Uwu munsi tubonye ibitangaza!” Luka 5:18-26

19


Gute umuntu yonkunda ‌ Jewe umunyavyaha‌ agapfira ivyaha vyanje?

20


Umwami Yesu yaje

Gupfira ivyaha vyacu Ariko Imana yatweretse urukundo rwayo idukunda kuko Kristo yadupfiriye tukiri abanyavyaha. Abaroma 5:8

Bamujanana n’inkozi z’ikibi zibiri ngo zicanwe nawe. Bashitse ahitwa ikibanza c’agahanga, bamubambanaho na za nkozi z’ibibi, umwe i buryo bwiwe, uwundi mu bubamfu. Luka 23:32-33

Ubwiwe yikoreye ivyaha vyacu mu mubiri wiwe, abambwe kugiti, kugira ngo dupfuye kuvyaha tubeho kukugororoka; inguma ziwe nizo zabakijije. 1 Petero 2:24

Kuko na Kristo yababajwe rimwe ahorwa ivyaha, umugororotsi yababarijwe abagabitanya, kugirango adushikirize Imana, yishwe umubiri, ariko yahinduwe muzima kubwa Mpwemu. 1 Petero 3:18 21


Umwami Yesu

Yantsize urupfu Kandi ni muzima Kuwambere w’indwi kare mu mutwenzi baja kuri yamva, bajanye vya bimota neza bateguye. Basanga ikibuye gitembagajwe kivuye kumva, binjirayo ntibasangamwo ikiziga c’Umwami Yesu. Ivyo bikibazazaniye, abagabo,babiri bahagarara iruhande yabo, bambaye impuzu zikayangana.

22


Bagitinye, bunamitse amaso hasi, barababaza bati: “Ni igiki gitumye muronderera uwuriho, ahantu habapfuye? Ntari hano, ariko yazutse. Mwibuke uko yababwiye, akiri igalilaya ati: ‘Umwana w’umuntu akwiye gushirwa mu maboko y’abanyavyaha, no kubambwa, no kuzuka kumusi ugira gatatu.’ ” Luka 24:1-7

Kuko nabanje kubashikiriza ico nanje nahawe, yuko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nkuko ivyanditswe bivuga, agahambwa,akazuka ku munsi ugira gatatu, nk’uko ivyanditswe bivuga, akiyereka Kefa, maze akiyereka bamwe icumi na babiri, akongera akiyereka hamwe bene data barenga amajana atanu, muri abo abenshi baracariho n’ubu, ariko bamwe barasinziriye. 1 Abo ikorinto 15:3-6

23


Umwami Yesu

Yikoreye igihano c’ivyaha vyacu Urugero rw’ubwiza bw’Imana

Bose bakoze ivyaha ntibashikira ubwiza bw’Imana. Batsindanishirizwa n’ubuntu bwayo ibibahereye ubusa, kubwo gucungurwa kubonerwa muri Kristo Yesu; uwo Imana yashizeho kuba impongano y’uwizera, ayigirwa n’amaraso yiwe , kugirango Imana yerekane ukugororoka kwayo, kuko yirengagije ivyaha vyakozwe kera kubwo Imbabazi zayo. Abaroma 3:23-25

Yesu aramubwira ati: “Ni jewe nzira, ukuri n’ubugingo; ntawushika kuri Data ntamujanye.” Yohana 14:6

Urugezo rw’umuntu

Ntushobora gushikira urugezo rw’Imana no kuyihimbara munkomezi zawe; ukeneye umami Yesu ngo agutabare. Umwami Yesu ni we nzira yonyene ishika ku Mana.

24


Muri Kristo honyene niho dushobora gushikira urugezo rw’Imana. Urugero rw’ubwiza bw’Imana

Intumwa Paulo avuga, “Irijambo niryo kwizerwa, rikwiye kwemerwa rwose, yuko Kristo Yesu yazanywe mw’isi no gukiza abanyavyaha; muribo jewe ndi agahebuza. Ariko icatumye ngirirwa ikigongwe ni ukugira ngo Yesu Kristo yerekanire muri Jewe gahebuza, ukwihangana kwiwe kwose, mbe icitegererezo c’abazomwizera bakaronka ubugingo budashira “ 1 Timoteyo 1:15-16

Kandi nta wundi agakiza kabonerwamwo, kuko atarindi zina munsi y’ijuru ryahawe abantu dukwiye gukirizwamwo” Ivyakozwe n’intumwa 4:12

25


Urashobora kuronka

Ubugingo budashira

Imbabazi

Biciye mu Mwami Yesu

Ubuzima

Ingero y’icaha ni urupfu ariko ingabire y’Imana ni ubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu. Abaroma 6:23

Akira ingabire y’agakiza kava ku Mana k’ubuntu kuko Urukundo Imana yakunze abari mw’isi ari rwo rwatumye Itanga Umwana wayo w’ikinege ngo uwumwizera wese ntazopfe rubi ariko ahabwe ubugingo budashira. Kuko Imana itatumye Umwana wayo gucira urubanza abari mw’isi, ariko yamutumye ngo abari mw’isi bakizwe nawe. Yohana 3:16-17 26


Reka Umwami Yesu yinjire mubuzima bwawe. Yesu avuze: ”Ehe mpagaze kurugi, ndaramukije. Umuntu ni niyumva ijwi ryanje, akugurura urugi,ndinjira iwe dusangire.” Ivyahishuriwe Yohana 3:20

Izere ko Yesu yagupfiriye Kuko niyo waturisha akanwa yuko Yesu ari Umwami, ukizera mumutima yuko Imana yamuzuye mubapfuye, uzokizwa, kuko umutima ariwo umuntu yizeresha akaronka ukugororoka; kandi akanwa akaba ariko yaturisha akaronka agakiza. Abaroma 10:9-10

Menya ko uri umwana w’Imana! Ariko abamwakiriye bose, yabahaye ububasha bwo gucika abana b’Imana. Yohana 1:12

Urashobora kwakira Umwami Yesu Ubunyene. Senga iri sengesho bivuye mumutima:

Urakoze, Yesu, ko wampfiriye kumusaraba. Ndemeye ko ntashobora kwishikana kurugero rwawe munkomezi zanje. Ndagukeneye, Yesu, mbabarira ivyaha vyanje, nkiza! Ndakwihaye ubu nyene. Warakoze kunkunda no kunyemera ukanshira mubawe. Urakoze ko ubu nd’umwana w’Imana! Amen 27


Umwami Yesu

Yitayeho ibibazo vyawe. Azogufasha kubirengera.

Nimba wasenze isengesho ryo kurupapuro rwa 6, Ivyaha vyawe wabihariwe.ubu uri umwana w’Imana. Ariko uwo Mpwemu w’ukuri niyaza, azobarongora abashitse ku kuri kwose, kuko atazovuga ivyo yigeneye, ariko ivyo azokwumva vyose nivyo azovuga, kandi azobamenyesha ibigira bize. Yohana 16:13

Mpwemu yera azokwibutsa urukundo rw’Imana kandi arakwitayeho. Nturi wenyene mubibazo, ufise amasezerano meza yo kugutera intege, ubwenge n’ubukerebutsi. Ngibi bimwe murivyo:

Mugihe ufise ubwoga Ntutinye, kuko ndikumwe nawe, ntukihebure kuko nd’Imana yawe: Nzogukomeza, nzogutabara. Mbere nzokuramira n’ukuboko kw’iburyo k’ukugororoka kwanje. Yesaya 41:10

Mugihe ucitse intege. Abagororotsi baratakamvye, Uhoraho arabumva, abakiza amagorwa yabo yose . Uhoraho aba hafi yabafise imitima imenetse, kandi akiza abafise imitima ijanjaguritse. Zaburi 34:17-18 28


Igihe urwaye. Ni ukuri ni intimba zacu yishizeko, ni imibabaro yacu yikoreye, ariko tweho twamwiyumviriye nk’uwakubiswe, nk’uwacumiswe n’Imana, akicurikirizwa n’akabonge. Yamara yacumitiwe ibicumuro vy’acu yajanjaguriwe ibigabitanyo vyacu, igihano kituronkesha amahoro cabaye kuriwe, kandi imishishagu yiwe niyo idukiza. Yesaya 53:4-5

Igihe urushe. “Nimuze kuri jewe mwese abarushe n’abaremerewe, ndabaruhura; mwiremeke ingogo yanje, munyigireko, kuko ndi umugwaneza, niyoroheje mumutima; namwe muzoronoka uburuhukiro bw’imitima yanyu. Kuko ingogo yanje itababaza, n’umutwaro wanje uhwahutse.” Matayo 11:28-30

Igihe uri hafi y’urupfu. Ariko benedata, ntitugomba ko muyoberwa ivyo abasinzira itiro ry’urupfu, ngo ntimubabare nka babandi badafise ivyizigiro .Uko twizera yuko Yesu yapfuye akazuka tube ariko twizera yuko abasinziriye muri Yesu, Imana izobazanana nawe. 1 Abo I Tesalonike 4:13-14

Yesu aramubwira ati: “Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Uwunyizera n’iyo yoba yarapfuye azobaho; kandi uwuriho wese anyizera, ntaho azokwigera apfa gushitsa ibihe bidashira” Yohana 11:25-26 29


Igihe udatekaniwe. Ko bimeze gutyo, tuvuge iki? Ko Imana iri muruhande rwacu, uwoturwanya ninde? Iyitimanye umwana wayo, ikamutanga kubwacu twese, izobura ite kutugabirira vyose kuriwe? Abaroma 8:31-32

Igihe ufise amaganya. Nuko mwicishe bugufi muri munsi y’ukuboko kw’Imana kw’ubushobozi, kugira ngo izobashire hejuru mugihe gikwiye. Muyikorere amaganya yanyu yose, kuko ibababara. 1 Petero 5:6-7

Igihe ufise uruhagara kubijanye n’amafranga. Intumwa Paulo avuga: “Kandi Imana yanje izobamara ubukene,bwanyu bwose, nk’uko itunga ry’ubwiza ryayo riri ryo muri Kristo Yesu.”  Abo Ifilipi 4:19

Igihe ushavuye Ni mwaraka, ntibibakoreshe icaha. Izuba ntirirenge mukiratse. Abanyefeso 4:26

Igihe wumva uriwenyene. Yesu ati: “Mubigishe kwitondera ivyo nabegeze vyose. Umve, ndi kumwe namwe iminsi yose, gushitsa kumuhero w’isi,” Matayo 28:20 30


Igihe uriko uratukwa. Hahiriwe abahamwa bahorwa ukugororoka, kuko ubwami bwo mw’ijuru ari ubwabo. Namwe muzoba muhiriwe aho bazobatuka bakabahama bakabarementariza ibibi vyose babampoye. Munezerwe, muhimbarwe kuko Impera zanyu ari nyinshi mw’Ijiru; kuko uko ariko bahama abavugishwa n’Imana babitangiye imbere”  Matayo 5:10-12

Igihe hari akarenganyo.

Mwame mwiteguye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y’ivyizigiro biri muri mwebwe, ariko muri n’ubugwaneza, mutinya. Akarenganyo Mufise imitima itarimwo ijwi ribagiriza ikibi, kugirango no kuvyo muvugwa nabi, abatuka ingeso zanyu nziza zo muri Kristo bamaramare.Ivyoba vyiza ni uko mwobabazwa muhowe gukora ivyiza, arico Imana igomvye, hako muhorwa gukora ibibi.  1 Petero 3:15-17

Igihe ubabaye. Uzozigama amahoro masa umuntu akwegamikako umutima wiwe, kuko akwizigiye. Nimwizigire Uhoraho ibihe vyose; kuko UHORAHO YEHOVA ari we gitandara camaho ibihe bidashira.  Yesaya 26:3-4

Igihe wumva wicira urubanza.

KWICIRA URUBANZA

Ni twatura ivyaha vyacu, niyo yo kwizigirwa kandi igororoka, ivyo nivyo bituma iduharira ivyaha vyacu, ikatwoza ukugabitanya kwose.  Yesaya 1:18 “Ehe ni muze twitature, niko Uhoraho avuze: Naho ivyaha vyanyu vyotukura tukutuku, bizokwera derere nka shelegi; naho vyotukura nk’agahama, bizohinduka bise n’ubwoya bw’intama y’umweru.”  Yesaya 1:18 31


Igihe udafise kwihangana, Uhwekere imbere y’Uhoraho, umurorere wihanganye; ntuhagarikwe umutima n’uwumerewe neza murugendo rwiwe, n’umuntu ashitsa imigabo mibi. Zaburi 37:7

Amen

Menya neza ko wamenye neza igice cambere ugasenga n’isengesho riri kurupapauro rwa’I 9. Nimba hari izindi mpapuro zavuyemwo murakagatabu, kandi ukaba ushaka kumenya cane ivya Bibiliya n’umgambi udasanzwe w’Imana kuri wewe. Ni wandike.

Copyright © 2020 Inter Media FL All rights reserved Printed in India for MediaServe, 2020 www.mediaserve.org

Watch Award-winning Film, “The Secret of True Life” at www.secretoftruelife.com

Kirundi

Mana, ndagushimiye ko nshobora kukwita Data, Ndagushimira ibihe bidashira ko warungitse Yesu kumpfira. Kugira acungure ivyaha no kunkuramwo kwicira urubanza. Urakoze ko unkunda, kandi unyitayeho. Ntangorane ibanto ngo ntuyimenye kandi ntanini yokunanira. Urakoze kumasezera meza ari muri Kristo Yesu. Ndasenze ko Mpwemu yera yokwama agumana nanje anyobora, antera intege minsi yose. Ndagushimiye k’umunezero n’amahoro ava mukukwizera.

Cartoons by alfred luther

Isengesho ryo Gushima.


IBANGA

RY’UBUZIMA BW’UKURI

Nimba ukeneye kumenya vyinshi kubijanye na Bibiliya n’Imana hamwe n’umugambi igufitiye k’Ubuzima bwawe, niwuzuze ibi bikurikira: IET, P.O. Box 10803, Mehrauli P.O., New Delhi 110 030. (If you don’t want to remove this page, you may write on a postcard.)

Ndashaka kumenya vyinshi kubijanye na Bibiliya hamwe n’Umugambi w’imana kubuzima bwanje. Ndahitamwo: 4 dashaka kwiyandikisha mw’ishure rya bibilliya ryokwandikiranira dashaka kumenya vyinshi kubijanye no kuba Umukristo kandi ndashaka ko hogira uwubinfasha. dashaka kuronka ingabire y’Isezerano rishasha iryo imirongo myinshi y’ikigitabu yavuyemwo. anditse amazina yanje mundome zisomeka. Zina: Homba:

! Telefone:

Gasandugu ka posita:


Agakarata Ikibanza c’igikumu

Kurondera inyishu y’ubuzima?

Kuri: ______________________________________________________ ______________________________________________________ ______________________________________________________

IBANGA

RY’UBUZIMA Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose, ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mugusenga no mukwinginga bifatanije no gukenguruka. Maze amahoro y’imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoteramira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu. Abo I Filipi 4: 6-7

BW’UKURI

IBANGA

RY’UBUZIMA BW’UKURI

Ni gute noronka amahoro nyakuri?

Mbega uraremerewe n’umutwaro munini?

Mbega urazi neza iherezo ry’ubuzima bwawe?


Issuu converts static files into: digital portfolios, online yearbooks, online catalogs, digital photo albums and more. Sign up and create your flipbook.