__MAIN_TEXT__

Page 1

Aya majambo ni ayo uwiyita yuko ari umwana w’Imana kandi akavuga ko Imana ari Se wiwe. Iki gitabo kivuga inkuru ziwe. Izina ryiwe ni Yesu. Vy’ukuri ivyo Yesu yavuze vyose vyagumye ari ukuri kudahinduka, harimwo n’amasezerano yiwe yo guha ubugingo budashira uwumwizeye wese. Ntiyari umunyedini.

IGITABO C’UBUGINGO

Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Nta wushika kwa Data ntamujanye.

Soma iki gitabo citwa Isezerano Risha hanyuma uhe Imana akanya ivugane nawe.

Soma ivyerekeye iherezo ryawe!

Iki gitabo si ico kugurisha.

I s e z e r a n o R i s h a

Soma ibijanye n’iherezo ry’abantu n’ibizoshikira iyi si yacu mu bihe bizoza.

IGITABO C’UBUGINGO I s e z e r a n o

R i s h a


XXXII


IGITABO C’UBUGINGO Isezerano Risha


Imana

irifuza cane kugiriranira imigenderanire y’urukundo nawe ubwawe biciye mu mwana wayo Yesu Kristo. Ikurindiriye yihanganye kugira ngo wumve ijwi ryayo riguhamagara riti : « Raba mpagaze ku rugi ndaramukije, umuntu ni yumva ijwi ryanje akugurura urugi, ndinjira i we dusangire » (Ivyahishuriwe Yohana 3 : 20 urupapuro 500). Intambamyi nyamukuru itubuza kwimenyera Imana ubwacu, ni ukutamenya Imana iyo ari yo, n’igikorwa gikomeye yadukoreye, n’imigambi idufitiye. Isezerano Risha ni inzira Imana yakoresheje mu kutwereka urukundo yadukunze uko rungana, n’akamaro ko kugiriranira imigenderanire na Yo biciye muri Yesu Kristo. Muri ibi bikurikira, uzobona yuko Yesu Kristo ari we wenyene akiza ivyaha, atanga intumbero nyakuri y’ubugingo budashira, atanga amahoro nyakuri n’ubushobozi bwo guhinduka. Iri Sezerano Risha ryateguwe kugira rigufashe mu rugendo rwawe rwo mu mpwemu. Ririmwo ivyigwa bine bizogufasha mu gutera iyindi ntambwe, mu gutahura no mu gukomeza ubucuti bwawe n’Imana.


IGITABO C’UBUGINGO Isezerano Risha Iki gitabo si ico kugurisha


Kwimenyera Imana Ubwawe, n’Ubuzima Bwawe muri Kristo, copyright © 1968 Campus Crusade for Christ, Inc. Bikoreshejwe vyemewe na Bright Media Foundation Le Nouveau Testament en Kirundi publié sous le titre Isezerano Risha, copyright © 1967 Société Biblique du Burundi Vyanditswe na MediaServe vyemewe n’Ishirahamwe rya Bibiliya mu Burundi Hatanzwe uruhusha rwo kwandikisha igitabo co gutanga ku buntu mu Burundi gusa Candikishijwe na MediaServe www.mediaserve.org ISBN 0-9534793-6-6 Candikiwe mu Buhindi 2007


Ibirimwo INTANGAMARARA : KWIMENYERA IMANA UBWAWE . . . . . . . . . . . . . I

UBUZIMA BWAWE MURI KRISTO inyigisho z’urukurikirane : INTANGO

. . . . . . . . . . . . . . . . . . . . VI

KUBA MU RUKUNDO RW’IMANA. . . . . . . . . . . . XII ISOKO Y’UBUSHOBOZI. . . . . . . . . . . . . . . . . XIX GUKURA MURI KRISTO . . . . . . . . . . . . . . . . XXVI

Ibitabo vyo mw’ISEZERANO RISHA uko bikurikirana (Raba ku rupapuro rukurikira) :


Matayo (Mat.). . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . 5 Mariko (Mrk.) . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . 73 Luka (Luk.) . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . 115 Yohana (Yoh.). . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . 187 Ivyakozwe n’intumwa (Ivyak.) . . . . . . . . . . . . . . . . 238 Abaroma (Rom.). . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . 305 1 Ab’i Korinto (1 Kor.). . . . . . . . . . . . . . . . . . . . 334 2 Ab’i Korinto (2 Kor.). . . . . . . . . . . . . . . . . . . . 361 Ab’i Galatiya (Gal.). . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . 380 Abanyefeso (Ef.). . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . 390 Ab’i Filipi (Flp.) . . . .. . . . . . . . . . . . . . . . . . . . 399 Ab’i Kolosayi (Kol.). . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . 406 1 Ab’i Tesalonike (1 Tes.). . . . . . . . . . . . . . . . . . . 413 2 Ab’i Tesalonike (2 Tes.). . . . . . . . . . . . . . . . . . . 419 1 Timoteyo (1 Tim.). .. . . . . . . . . . . . . . . . . . . . 422 2 Timoteyo (2 Tim.). .. . . . . . . . . . . . . . . . . . . . 430 Tito (Tit.) . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . 436 Filemoni (Flm.) . . . .. . . . . . . . . . . . . . . . . . . . 439 Abaheburayo (Heb.). . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . 441 Yakobo (Yak.) . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . 463 1 Petero (1 Pet.). . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . 470 2 Petero (2 Pet.). . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . 478 1 Yohana (1 Yoh.). . .. . . . . . . . . . . . . . . . . . . . 483 2 Yohana (2 Yoh.). . .. . . . . . . . . . . . . . . . . . . . 490 3 Yohana (3 Yoh.). . .. . . . . . . . . . . . . . . . . . . . 491 Yuda (Yud.) . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . 492 Ivyahishuriwe Yohana (Ivyah.) . . . . . . . . . . . . . . . . 494




Intangamarara

Kwimenyera Imana ubwawe Nk’uko hariho amategeko y’isi agenga ibiri kw’isi vyose, hariho n’amategeko y’Imana atugenga mu migenderanire yacu na Yo.

Itegeko rya mbere Imana iradukunda kandi ifise umugambi mwiza cane ku bugingo bwacu. (Amajambo akoreshwa hano ategerezwa gusigurwa hishimikijwe Bibiliya. Inomero z’impapuro zatanzwe kugira ngo bikworohere.) Urukundo rw’Imana. “Kuko urukundo Imana yakunze abari mw’isi, ari rwo rwatumye itanga umwana wayo w’ikinege, ngo uwumwizera wese ntazopfe rubi, ariko ahabwe ubugingo budashira” (Yohana 3 : 16 impapuro 192-193). Umugambi w’Imana. (Yesu yavuze ati) “Intumbero yanje ni ugutanga ubugingo busagutse” (kugira ngo bube ubugingo bukwiye kandi bw’ukuri) (Yohana 10 : 10 urupapuro 212). None ni kubera iki abantu benshi batabayeho ubuzima busagutse kandi bw’ukuri? Ni kubera ko…


II

Itegeko rya kabiri Turi abanyavyaha kandi twaratandukanye n’Imana. Ivyo bituma tutamenya urukundo idukunda n’imigambi idufitiye. Turi abanyavyaha. Ego, “Bose bakoze ivyaha, ntibashikira ubwiza bw’Imana” (Abaroma 3 : 23 urupapuro 310). Umuntu yaremwe kugira no agiriranire imigenderanire n’Imana, ariko kubera kamere yacu yo kutumvira, twahisemwo inzira zacu, bituma tuba kure y’Imana. Iyo kamere yo kutumvira yazanye ubugarariji no gufata minenerwe ivyo Imana, iyo nyifato na yo, Bibiliya iyita icaha. Twaratandukanye. “Ingero y’icaha ni urupfu ; ariko ingabire y’Imana ni ubugingo budashira bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu” (Gutandukana n’Imana mu buryo bw’impwemu) (Abaroma 6 : 23 urupapuro 315). IMANA YERA

UMUNTU W’UMUNYAVYAHA

Iki gicapo cerekana yuko Imana Yera, natwe tukaba turi abanyavyaha. Hariho ikimanga kinini kidutandukanya. Utu ducumu twerekana yuko twama turiko turagerageza kugira ngo dushikire Imana n’ubugingo busagutse biciye mu twigoro twacu, nko mu kugerageza kubaho ubuzima bwiza, mu vyiyumviro bijanye n’iremwa no kubaho kw’abantu, canke mw’idini.

Itegeko rya gatatu risigura inzira imwe yonyene yo gukuraho ico kimanga…


III

Itegeko rya gatatu Yesu Kristo ni we mpongano wenyene Imana yatanze ku vyaha vyacu. Muri we wenyene ni ho tumenyera kandi tukabaho mu rukundo no mu mugambi w’Imana ku bugingo bwacu. Yapfuye mu gishingo cacu. “Ariko Imana yatweretse urukundo rwayo idukunda, kuko Kristo yadupfiriye tukiri abanyavyaha” (Abaroma 5 : 8 urupapuro 313). Yarazutse mu bapfuye. “Kristo yapfiriye ivyaha vyacu… yarahambwe… haciye imisi itatu arazuka mu bapfuye nk’uko vyari vyaravugishijwe… yiyeretse Petero, hanyuma yiyereka bamwe cumi na babiri. Yongera yiyereka abandi barenga amajana atanu… (1 Ab’i Korinto 15 : 3 – 6 urupapuro 357). Ni we nzira yonyene idushikana ku Mana. “Yesu aramubwira ati : Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Nta wushika kwa Data ntamujanye” (Yohana 14 : 6 urupapuro 223). IMANA YESU

Iki gicapo cerekana yuko Imana yakuyeho ca kimanga cadutandukanya na Yo, mu kurungika Umwana wayo Yesu Kristo kugira ngo apfe mu gishingo cacu ku musaraba ngo aturihire umwenda w’ivyaha vyacu.

UMUNTU Ntibihagije kumenya gusa aya mategeko atatu…


IV

Itegeko rya kane Dutegerezwa ubwacu kwakira Yesu Kristo nk’Umwami n’Umukiza, kugira dushobre kumenya no kuba mu rukundo no mu mugambi w’Imana ku bugingo bwacu. Dutegerezwa kwakira Kristo. “Ariko abamwakiriye bose yabahaye ububasha bwo gucika abana b’Imana. Ico bari bakeneye ni ukumwizera kugira ngo abacungure” (Yohana 1 : 12 urupapuro 188). Twakira Yesu mu kwizera. “Ubuntu ni bwo bwabakijije kubwo kwizera Yesu Kristo. Na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebwe, ni ingabire y’Imana. Agakiza ntikavuye ku bikorwa vyiza mwakoze, kugira ngo ntihagire uwirarira” (Abanyefeso 2 : 8 – 9 urupapuro 392). Igihe twakiriye Kristo, duca tuvuka ubwa kabiri (Soma Yohana 3 : 1 – 8 urupapuro 192). Twakira Kristo mu kumuha ikaze ubwacu. (Yesu ariko aravuga ati) “Raba mpagaze ku rugi ndaramukije, umuntu ni yumva ijwi ryanje akugurura urugi ndinjira i we dusangire” (Ivyahishuriwe Yohana 3 : 20 urupapuro 500). Kwakira Kristo bisaba guhindukirira Imana (Kwihana) no kwemerera Kristo ko aza mu bugingo bwacu, kugira ngo aduharire ivyaha vyacu, kandi ngo atugire abo ashaka ko tuba. Kwemera gusa mu bwenge bwacu yuko Yesu Kristo ari Umwana w’Imana, kandi yuko yapfuye kubera ivyaha vyacu, ntibihagije. Kandi ntibihagije kugira gusa ibigumbagumba. Twakira Yesu Kristo mu kwizera, biciye mu gushaka.


 Iyi mizingi ibiri yerekana ubuzima bw’uburyo bubiri : Ubuzima burongorwa na kamere : J - Kamere ni ko kaganje - Kristo ntari muri ubwo buzima • - Inyungu zirongorwa na kamere, kenshi na kenshi bizana ukutumvira Imana no kubabara mu mutima.

J

J

Ubugingo burongorwa na Kristo : - Yesu ari muri ubwo buzima kandi ni we ari ku ngoma J - Kamere kaganzwa na Kristo • - Inyungu zirongorwa na Kristo, bigaca bituma hatabaho agatotsi mu mugambi w’Imana.

Ni uwuhe muzingi werekana neza ubugingo bwawe? Ni uwuhe muzingi wifuza ko woranga ubuzima bwawe? Urashobora kwakira Yesu ubu nyene mu kwizera, biciye mu masengesho. Gusenga ni ukuganira n’Imana. Imana irashaka ko uyibwira ibiri mu mutima wawe kandi iritayeho cane imero y’umutima wawe kurusha uko yitaho amajambo yawe. Iri sengesho rikurikira urashobora kurikoresha. “Mwami Yesu ndagukeneye. Ndagushimiye ko wapfuye ku musaraba kubera ivyaha vyanje. Nduguruye urugi rw’ubugingo bwanje kandi ndakwakiriye nk’Umwami n’Umukiza wanje. Ndagushimiye yuko umpariye ivyaha vyanje, kandi umpaye ubugingo budashira. Ganza ubugingo bwanje. Ngira uko ugomba ko nomera.” Iri sengesho ryoba ryerekana icifuzo c’umutima wawe? Nimba ari ko biri, senga iryo sengesho ubu nyene, kandi Kristo aca aza mu bugingo bwawe, nk’uko yabisezeranye. Iki gice cakuwe mu mategeko ane y’impwemu yashinzwe na Bill Bright.


VI

Ubugingo bwawe muri Kristo Icigwa ca mbere

Intango Kumenya Yesu Kristo birashobora kugushikana ku migenderanire ihambaye cane utari bwigere uronka. Uba winjiye mu bundi buzima bw’igitangaza hamwe n’Imana y’urukundo kandi ikomeye. Amategeko ane y’impwemu (raba Intangamarara) arasigura neza ivyo umuntu ategerezwa kumenya kugira atangure imigenderanire na Kristo. Usubiye kuyihweza mu ncamake, biragufasha gutahura ingingo zimwe zimwe zigenga imigenderanire yawe na Kristo. Itegeko rya mbere : Imana iradukunda kandi ifise umugambi mwiza cane ku bugingo bwacu. Itegeko rya kabiri : Turi abanyavyaha kandi twaratandukanye n’Imana. Ni co gituma tudashobora kumenya no kuba mu rukundo no mu mugambi w’Imana. Itegeko rya gatatu : Yesu Kristo ni we mpongano yonyene Imana yatanze ku vyaha vyacu. Muri we wenyene ni ho tumenyera kandi tukaba mu rukundo no mu mugambi w’Imana ku bugingo bwacu. Itegeko rya kane : Dutegerezwa ubwacu kwakira Yesu kristo nk’Umwami n’Umukiza, kugira dushobore kumenya no kuba mu rukundo no mu mugambi w’Imana ku bugingo bwacu.


VII

Igice ca mbere :

Kudakekeranya imigenderanire yawe na Kristo Urashobora kudakekeranya ku migenderanire ufitaniye na Kristo kuko wababariwe kandi wemewe n’Imana. Urupfu rwa Kristo ku musaraba rwonyene rurakwiye kugira habeho imigenderanire myiza hagati yawe n’Imana. Soma Abanyefeso 2 : 8 – 9 (urupapuro 392). Muri iyi mirongo harimwo amajambo atatu atanga insiguro y’urufatiro rwo kwemerwa kwacu imbere y’Imana : Ubuntu : Ni ikintu utari ukwiriye kuronka, ni ingabire utari ukwiye guhabwa. None ubuntu bwagize uruhara ruki mu gushiraho imigenderanire hagati yawe n’Imana? (Ntiwari ukwiriye kugira iyi migenderanire, kandi ntiwari gushobora kuyironkeshwa n’ibikorwa vyawe vyiza. Ariko ni ingabire y’Imana waronse igihe wakira Kristo.) Narakijijwe : Nararokotse, narakingiwe ivyago. Wibaza yuko uyu murongo ugomba gusigura gute, igihe uvuze ko wakijijwe? Wakijijwe iki? (Abaroma 6 : 23 urupapuro 315 havuga yuko ingero y’icaha ari urupfu. Igihe wemeye yuko urupfu rwa Kristo ku musaraba rwakurihiye umwenda w’ivyaha vyawe, waciye ukurwa mu gihano c’ibihe bidashira, mu gihano c’urupfu kubwo ivyaha vyawe.) Ukwizera : Kwizigira, ukwiyemeza mu mutima, inyifato, igikorwa. Ukwizigira gufise uruhara ruki mu kwakira Kristo?


VIII (Kugira ukwizigira no kwizera Imana n’Ijambo ryayo. Igihe wakira Kristo, washize ivyizigiro vyawe muri we no mu rupfu rwiwe kubwo ivyaha vyawe. Aho kwishimira inkomezi zawe mu kwemerwa n’Imana, ubu wizera yuko ivyo Kristo yakoze ari vyo vyonyene vyakunywanishije n’Imana.) Ikibazo nyamukuru : Ibaze igihe woba uhagaze imbere y’Imana hanyuma ikakubaza iti : “Ni kubera iki nokureka ngo winjire mw’ijuru?” Wokwishura iki?

Igice ca 2 :

Gutahura imigenderanire yawe na Kristo Hariho ibintu vyinshi bitangaje kandi vy’ukuri biri mu migenderanire yawe na Kristo. Kubitahura bizogufasha kwubaka urufatiro rukomeye uzokurirako. Hariho ibintu bitanu vy’ukuri biri muri Bibiliya bishimikiye ku co Kristo yagukoreye. 1. Kristo yaraguhariye ivyaha. Soma Abanyefeso 1 : 7 (urupapuro 390). Igihe wizera Kristo akaguharira ivyaha vyawe, warahariwe ivyaha vyawe vya kera, ivy’ubu, n’ivyo muri kazoza. Hari ico wumva bihinduye muri wewe, ko umenye yuko ivyaha vyawe vyose vyahariwe? 2. Kristo yakugize umwana wiwe. Soma Yohana 1 : 11 – 13 (urupapuro 188). Habaye iki kugira ngo ube umwana w’Imana? (Warakiriye Kristo. Waramwizeye kugira agukize.)


IX 3. Kristo yaraje mu bugingo bwawe kandi ntazokwigera aguheba. Soma Ivyahishuriwe Yohana 3 : 20 (urupapuro 500). Ni waba warasenze ngo wakire Kristo, ubu none mufitaniye imigenderanire iyihe? (Mu bugingo bwawe.) Soma Abaheburayo 13 : 5 (urupapuro 461). Ni igiki cotuma Kristo aguheba? (Nta na kimwe.) Twishimikije ivyo, none bikenewe ko twakira Kristo kangahe? (Rimwe gusa.) 4. Yesu yaguhaye ubugingo bushasha. Soma 2 Ab’i Korinto 5 : 17 (urupapuro 368). Igihe wizera Kristo ngo abe Umwami n’Umukiza wawe, waciye utangura urugendo rushasha rwo kuja mw’ijuru. Imana izoshishikara ikugira mushasha uko nawe uzoshishikara ukura muri Yo. 5. Kristo yaguhaye ubugingo budashira. Soma 1 Yohana 5 : 11 – 13 (impapuro 489-490). Ubugingo budashira buronkerwa muri nde? (Mu mwana w’Imana.) Ni nde afise ubugingo budashira? (Uwo wese afise umwana w’Imana.) Urafise Umwana (Yesu)? Urafise ubugingo budashira? Ni ryari waronse ubugingo budashira? Ikibazo nyamukuru : Mbega wopfa ku mugoroba, woba uzi udakekeranya ko uzobana n’Imana ibihe bidashira? (Umuzingi wa mbere.) 0% - - - 25% - - - 50% - - - 100% Incamake : Izi nyungu zose nziza zishimikiye kuri Yesu Kristo gusa. Nta n’imwe muri zo ishobora kuronkwa ku bwo akigoro k’umuntu. Wazironse igihe washira ivyizigiro muri Yesu Kristo. Ni iyihe ngingo muri izi zitanu wumva igufitiye ikimazi kinini muri kano kanya? Kubera iki?




Igice ca 3 :

Ingene worwanya ugukekeranya ku migenderanire yawe na Kristo Naho ivyiyumviro na vyo bihambaye, imigenderanire yawe na Kristo yubakiye ku bintu bigaragara, atari ivyiyumviro bishobora guhinduka ku musi ku musi. Ugukekeranya, ibibazo n’ibigumbagumba ni ibintu umuntu asanganywe mu buzima, ariko si vyo shimikiro ry’imigenderanire yawe na Kristo. Umukristo (uwizeye Yesu nk’Umwami n’Umukiza wiwe) abayeho mu kwizera Imana n’Ijambo ryayo. Iki gicapu c’iki kimodoka kirekire gikwegana, cerekana imigenderanire hagati y’ibiriho (Imana n’Ijambo ryayo), ukwizera (ukwizera ufise mu Mana no mw’Ijambo ryayo), n’ivyiyumviro.

IKINTU KIRIHO

UKWIZERA

UKO WIYUMVA

Ico kimodoka kirashobora kugenda gifise igice c’inyuma canke kitagifise. Ariko ntushobora kugikwega uciye kuri ico gice caco c’inyuma. Ni muri ubwo buryo nyene nawe udakwiye kwishimikiza ivyiyumviro vyawe. Isezerano ry’Imana ni ryo rikuganza, si ivyiyumviro vyawe bikuganza. Vyogenda gute igihe ejo wokwumva umenga ntukiri umukristo? Shira ukwizera kwawe mu bwizerwa bw’Imana yonyene, n’ubwizigirwa bw’Ijambo ryayo. Uko uzobandanya wiga Ijambo ry’Imana, ni ko uzoshobora gutsinda ugukekeranya kwose ukoresheje ibiri mw’Ijambo ry’Imana. Ivyiyumviro vyawe bizotangura kwumvira ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana.


XI

Igice ca 4 :

Gushira mu ngiro Kubera ko… …Wizeye ko Kristo yakurihiye umwenda w’ivyaha vyawe, …Watahuye urufatiro rw’imigenderanire yawe n’Imana, …Wize ibintu bitanu nyakuri vyerekeye imigenderanire yawe n’Imana, urashobora kudakekeranya imigenderanire yawe n’Imana. Muri iyi ndwi yose, shira mu ngiro ibi bintu nyakuri uko ugenda urakurira muri Kristo : • Warahariwe : Ab’i Kolosayi 1 :13, 14 (urupapuro 407) ; Ab’i Kolosayi 2 : 13, 14 (urupapuro 409) ; Abaheburayo 10 : 15 – 18 (urupapuro 455). • Uri umwana w’Imana : Yohana 1 : 11 – 13 (urupapuro 188) ; Abaroma 8 : 15 (urupapuro 318) ; 1 Yohana 3 : 1 (urupapuro 486). • Kristo aba muri wewe : Ivyahishuriwe Yohana 3 : 20 (urupapuro 500) ; Ab’i Galatiya 2 : 20 (urupapuro 383). • Ufise ubugingo bushasha : 2 Ab’i Korinto 5 : 17 (urupapuro 368) ; Abanyefeso 2 : 4, 5 (impapuro 391-392). • Ufise ubugingo budashira : 1 Yohana 5 : 11 – 13 (impapuro 489-490) ; Yohana 5:24 (urupapuro 198) ; Yohana 10 : 27 – 29 (urupapuro 213).


XII Fata ingingo imwe imwe ku musi uyiyumvireko. Soma imirongo ijanye n’ingingo iyo ari yo yose. Shimira Imana ko ubu utahuye ukwo kuri. Kumenya ukwo kuri ni nkenerwa cane kugira ukurire muri Kristo. Muri iyi ndwi, ubwire umuntu umwe ko ufitaniye imigenderanire n’Imana. Ikibazo nyamukuru : Bigenda gute igihe turiko turirwanira n’inkomezi zacu kugira tubeho ubuzima rukristo hanyuma bikatunanira?

Ubuzima bwawe muri Kristo Icigwa ca kabiri

Kuba mu rukundo rw’Imana Imigenderanire yawe n’Imana irashikamye, kuko muri Kristo, warahariwe kandi waremewe n’Imana. Hejuru yo gushiraho imigenderanire ishikamye, Imana irifuza kandi yuko wogendana na Yo, ukavugana na Yo ku musi ku musi. Iki ni co citwa imigenderanire. Igihe duhisemwo gucumura, imigenderanire yacu (ikibanza cacu nk’abana b’Imana) ntihinduka, ariko ubumwe bwacu n’Imana burasambuka.


XIII Akarorero k’umwana na se : imigenderanire yawe na so wo mu mubiri yamaho. Naho wokora ikintu kimeze gute, uguma uri umwana wiwe. Ariko ni wibaze igihe wogumukana so wawe, ugaca uva mu rugo kubera ishavu naho yoba yagerageje kukwinginga ngo musubize hamwe gute. Mbega woguma uri umwana wiwe? (Ego) Ubumwe bwawe na we buzoca bumera gute? (Buzosambuka) Gereranya ubumwe bwawe n’Imana hamwe n’imigenderanire yawe n’Imana. Imigenderanire yawe n’Imana : Yatanguye igihe wakira Kristo (Yohana 1 : 11, 12 urupapuro 188). Ni iyo ibihe vyose (1 Petero 1 : 3, 4 urupapuro 470). Ishigikiwe n’Imana (Yohana 10 : 27 – 29 urupapuro 213). Ntiyigera ihinduka (Abaheburayo 13 : 5 urupapuro 461). Ubumwe bwawe n’Imana : Bwaratanguye igihe wakira Kristo (Ab’i Kolosayi 2 : 6 urupapuro 409). Burashobora kugira intambamyi (Yesaya 59 : 2 *). Mu ruhande rumwe, turafise uruhara mu kubukomeza ( 1 Yohana 1 : 9 urupapuro 484). Burahinduka igihe ducumuye (Zaburi 66 : 18 **). Naho Abakristo bose bafise imigenderanire n’Imana, si bose bafitaniye ubumwe n’Imana. Twobigenza dute kugira ngo hagume ubumwe hagati yacu n’Imana ? * Yesaya 59 : 2 : « Ariko ibigabitanyo vyanyu ni vyo vyabatandukanije n’Imana yanyu, kandi ivyaha vyanyu ni vyo vyabakingiriye mu nyonga hayo, bituma yanka no kwumva ». ** Zaburi 66 : 18 : « Iyaba nari nshize umutima wanje ku vyo kugabitanya, Umwami Imana ntaba Yaranyumviye ».


XIV

Igice ca 1 :

Harakenewe urukundo n’imbabazi z’Imana Icaha kiratubuza twese kuba mu rukundo rw’Imana. Ariko abantu benshi ntibatahura icaha ico ari co. None icaha ni iki? Kirarengeye kwiba, kubesha, ingeso mbi, n’ibindi. Ivyo tudondaguye ni ingaruka gusa y’icaha. Insiguro isanzwe ni : gukora ivyo tugomba aho gukora ivyo Imana igomba biciye mu bikorwa canke mu nyifato. Ingaruka z’icaha ni izihe? Ku muntu atari umukristo, [umuntu atarizera Kristo (raba urupapuro X)], icaha kirabuza imigenderanire hagati yiwe n’Imana. Soma Abanyefeso 2 : 1 – 3 (urupapuro 391). Umuntu agerageza gushikira Imana biciye mu kubaho akora ivyiza twomufata gute? Yoba yaratandukanye n’Imana? Sigura inyishu yawe (raba urupapuro I). Ntidushobora gushikira Imana biciye mu kwigora kwacu, kubera icaha kiradutandukanya n’Imana. Yesu ni we wenyene yahomvoye igisika cadutandukanya na Yo. Ku Bakristo, icaha ni intambamyi ku bumwe bwabo n’Imana. Soma Yohana 1 : 6 – 8 (urupapuro 188). Incamake : Twese turakora ivyaha. Kubw’ivyo, turakeneye imbabazi z’Imana kubera inyifato yacu n’ibikorwa vyacu.


XV

Igice ca 2 :

Urufatiro rw’urukundo n’imbabazi z’Imana Urupfu rwa Kristo ni rwo rufatiro rw’imbabazi zitujana mu migenderanire myiza n’Imana. Urupfu rwiwe kandi ni rwo rufatiro rw’imbabazi mu migenderanire ya misi yose ya twe n’Imana. Soma 1 Petero 3 : 18 (urupapuro 475). Soma Ab’i Kolosayi 2 : 13, 14 (urupapuro 409). Igihe ibi vyandikwa, « icete cagiriza » casigura urutonde rw’ivyaha rwamanikwa ku muryango w’ibohero. Ico cete carimwo icaha cose imbohe yakoze. Igihe iyo mbohe yaba ihejeje igihano yaciriwe canke itanze indishi y’ivyo vyose yivye, abategetsi baca bakuraho urwo rwandiko ruriko ivyaha bagaca bandika bati : « Yarishe vyose ». Imbohe yarakoresha urwo rupapuro mu kwerekana yuko itazosubira guhanirwa ivyo vyaha ukundi. Umukristo yizeye yuko Kristo yarishe umwenda w’ivyaha vyiwe, ntazocibwa urubanza. Umwenda w’ivyaha vyiwe « warishuwe wose ». Imana yaramuhariye vyose. Imana yakoze iki kubwo ivyaha vyawe? (Imana yarabiguhariye vyose.) Kristo yapfiriye ivyaha vyawe bingahe? (Vyose) Igihe Kristo yagupfira ku musaraba, ni ibihe vyaha vyawe vyari muri kazoza? (Vyose) Bihindura iki mu buzima bwawe bwa misi yose, kumenya yuko wahariwe?


XVI

Igice ca 3 :

Urashobora kuba mu rukundo no mu mbabazi z’Imana imisi yose Naho wahariwe, uracakeneye kuguma urwana n’icaha ku musi ku musi kugira ngo ugume na ntaryo mu bumwe n’Imana. Ni wishire mu karorero k’imigenderanire y’umwana na se (urupapuro XIII). Ubona wokora iki kugira ngo usubizeho imigenderanire yawe na so? Reka turabe ingene woshobora gusubizaho ubumwe bwawe n’Imana. Soma 1 Yohana 1 : 9 (urupapuro 484). A. Kwihana : Wemeranye n’Imana ku vy’icaha. Igihe Imana ikweretse yuko ico wakoze ari icaha, ukwiye kwihana. Ukwo kwihana guhagaze ku bintu bitatu : 1. Kwemeranya n’Imana yuko wacumuye. 2. Gushimira Imana yuko yamaze kuguharira. 3. Kwizigira Imana kugira ngo ihindure inyifato n’ibikorwa vyawe. Ni wahindukirira Imana ukava mu vyaha vyawe (ukihana), uzoba mu rukundo no mu mbabazi zayo vyabonetse kubwo urupfu rwa Kristo ku musaraba. Aho kwitako umwikomo no kwumva uciriweko iteka, urakwiye kumenya yuko imigenderanire yawe n’Imana yasubijweho.


XVII B. Kwihana : Ukugushira mu ngiro. Ubu nyene, canke mw’ijoro, imbere yuko uja kuryama : 1. Saba Imana kugira iguhishurire ivyaha biri mu bugingo bwawe. 2. Vyandike ku rupapuro. Andika vyose ata co wirengagije, ibi bibera hagati yawe n’Imana. 3. Uhejeje kuvyandika, uce wandika hejuru yavyo isezerano ryo muri 1 Yohana 1 : 9 (urupapuro 484). 4. Shimira Imana kubwo imbabazi zayo yaguhaye biciye mu vyo Yesu yakoze ku musaraba. 5. Tabura urwo rupapuro uce uruta. Wihana ivyaha vyawe kangahe ku Mana? (Rimwe gusa.) Ni ryari wabwirizwa kwihana icaha? (Igihe cose umenye ko wacumuye.) C. Kwihana : Kuba mu nyungu zakwo. Mu gihe woba wibaza ko utarababarirwa kandi waramaze kwatura ivyaha vyawe, wokora iki? (Soma Zaburi 32 : 3 – 5 ; 103 : 12 *.) (Ni wizere Ijambo ry’Imana, yuko wamaze guharirwa, ntiwumvirize ivyiyumviro vyawe.) Iyi mirongo ivuga iki ku bijanye no kwicira urubanza hamwe no kwezwa? (Ni haba hariho icaha utihanye, birumvikana ko wumva utsinzwe n’urubanza.) * Zaburi 32 : 3 – 5 : « Ngicereje amagufa yanje atewe gusaza n’ukuniha kwanje umusi ukira. Nk’uko ukuboko kwawe kwandemera ku murango no mw’ijoro, ukubengagira kwanje kugahinduka nk’ukwuma kwo mu ci. Nakwemereye icaha canje, sinatwikiriye ukugabitanya kwanje ; Naravuze nti : Ndaturira Uhoraho ibicumuro vyanje : Nawe umparira ukugabitanya kw’icaha canje ». * Zaburi 103 : 12 : « Nk’uko i burasirazuba hitanguye i burengerazuba, uko ni ko yashize kure ibicumuro vyanje ».


XVIII Wishimikije ivyo wize ku bijanye n’ivyiyumviro vyo kwicira urubanza no guharirwa, iri ryungane woribandanya gute? “Igihe natura ivyaha vyanje vyose, nar

.”

Igice ca 4 :

Gushira mu ngiro Fata akanya, imbere yuko uja kuryama ku mugoroba, ushire mu ngiro ivyo wize ku bijanye n’urukundo n’imbabazi z’Imana. Wibuke kwandika ku rupapuro ivyaha vyawe vyose (urupapuro XVI). Gerageza umare iminota 15 canke irenga ku musi uri imbere y’Imana, usoma Bibiliya kandi usenga. Ng’izi impanuro : 1. Soma inkuru y’umuhungu yasize se aja mu mahanga asesagura iragi ryiwe. Iyo nkuru yavuzwe na Yesu kandi iboneka mu gitabo ca Luka 15 : 11 – 32 (impapuro 161-162). Mbega iyo nkuru yerekana iki ku bijanye n’imigenderanire yawe n’Imana, guharirwa kwacu n’ubumwe bwacu n’Imana? 2. Soma Ab’i Galatiya 5 : 16 – 23 (urupapuro 388). Raba ibizohinduka igihe uzokwemera yuko Imana ikorera mu bugingo bwawe? Igihe ubonye ikintu kidahimbara Imana mu bugingo bwawe, ugitunganye wisunze 1 Yohana 1 : 9 (urupapuro 484), hanyuma uce unezererwa ubumwe bwawe n’Imana. Incamake : Gutahura urukundo rutangaje n’imbabazi z’Imana bituma umukristo anezererwa ubumwe bwiwe n’Imana uko bugenda bwiyongera. Ikibazo nyamukuru : Umukristo yogendera mu bushobozi Imana yatanze kugira ngo ashobore kubaho ubuzima rukristo gute?


XIX

Ubugingo bwawe muri Kristo Icigwa ca gatatu

Isoko y’ubushobozi Kugira ngo ushobore kugendera mu rukundo no mu mbabazi z’Imana ku musi ku musi, utegerezwa kwihana ivyaha vyawe igihe cose umenye ko wacumuye. Ukwatura hamwe n’imbabazi z’Imana bigarukana ubumwe hagati yawe na So wo mw’ijuru. Ubu rero uratanguye kubaho ubuzima rukristo, butari ubwo kwitondera amategeko kanaka canke gukora ikintu kanaka, ariko ni imigenderanire y’inkoramutima hagati yawe n’Imana y’urukundo. Soma Yohana 7 : 37 – 39 (impapuro 205-206). Nk’uko imigenderanire yacu n’Imana ishimikiye ku co Imana yakoze biciye muri Yesu Kristo, ni ko ubushobozi bwo kubaho ubuzima rukristo na bwo nyene buva ku Mana. Imashini bita ordinateri irafise ivya nkenera vyose bituma ikora igikorwa cose yakorewe, ariko nta bushobozi ifise ubwayo. Ni gurtyo nawe ufise ivyo ukeneye vyose ngo ubeho ubuzima bushasha bw’icaremwe gisha muri Kristo biciye mu karanga gashasha ko muri Kristo. Utegerezwa kuguma uvoma kw’isoko nziza y’ubushobozi ari yo Mpwemu Yera.


XX

Igice ca 1 :

Mpwemu Yera ni we soko y’ubushobozi bw’ubuzima rukristo Mpwemu Yera ni Imana (1 Ab’i Korinto 2 : 11 – 12 impapuro 336-337). Yaje kugira ngo abe muri wewe (Abaroma 8 : 9 urupapuro 318). Yaje kwemeza isi ivyo amateka no kugororoka (Yohana 16: 8 urupapuro 226). Yaje kukurongora mu kuri (Yohana 16 : 13 impapuro 226-227). Yaje gushimagiza Kristo (Yohana 16 : 14 urupapuro 227). Mpwemu Yera afise uruhara ruki mu migenderanire yawe n’Imana? Soma Abaroma 8: 14 – 16 (urupapuro 318). (Aremeza yuko turi abana b’Imana.) Yifuza kuzana iki mu bugingo bwawe? Soma Ab’i Galatiya 5 : 22, 23 (urupapuro 388). Muri ibi duhejeje gusoma ubu nyene, ni ibihe wifuza yuko Uhoraho yoteza imbere mu bugingo bwawe? Yesu avuga ko twokora iki kugira ivyo vyamwa bigaragare muri twebwe? Soma Yohana 15 : 4, 5 (urupapuro 224). (Dutegerezwa kuba muri Kristo, tukamwizigira, tukaguma i ruhande yiwe.) Mbega Mpwemu Yera agomba kuguha ivya nkenerwa ngo ukore iki? Soma Ivyakozwe n’intumwa 1 : 8 (urupapuro 239). Utahura gute iri jambo ryo kuba icabona ca Kristo? (Icabona kivuga ivyo cabonye n’ivyo cumvise. Icabona ca Kristo kibwira abandi ivyerekeye inkuru z’ukuri za Kristo.)


XXI Ni kubera iki wiyumvira yuko inkomezi za Mpwemu Yera zikenewe kugira ngo ushobore kuba icabona? (Agusezeranira kuguha amajambo akenewe uzovuga, n’ubushizi bw’amanga mu kuyavuga.) Incamake : Urugero ibiranga kuba mu Mana bigaragarako mu bugingo bwawe, rujanye n’uburyo wizigira Imana ku kintu cose mu bugingo bwawe, rujanye kandi n’igihe umaze uyizigira. Umuntu yoba ari ho agitangura gutahura ibijanye na Mpwemu Yera, ntiyocika intege igihe yobona atariko arama ivyamwa nk’umukristo amaze gukomera haciye igihe kirekire atanguye kugendera muri ukwo kuri. Kwizigira Imana + Igihe = Gukura muri Mpwemu

Igice ca 2 :

Si Abakristo bose bagendera mu bushobozi bwa Mpwemu Yera Wabaye umukristo biciye mu gikorwa ca Mpwemu Yera (Abanyefeso 1 : 13 impapuro 390-391). Kuva ico gihe Mpwemu Yera yaraje kuba muri wewe (Yohana 14 : 15 – 17 urupapuro 223). Naho Mpwemu Yera aba mu Bakristo bose, si Abakristo bose barongorwa na We kandi bagendera mu bushobozi bwiwe. Bibiliya ivuga abantu b’uburyo butatu :


XXII Umuntu afise umubiri n’ubwenge gusa (1 Ab’i Korinto 2 : 14 urupapuro 337). Ni abatizeye yuko urupfu rwa Kristo rwarishe umwenda w’ibicumuro vyabo kandi rero Kristo akaba atari muri bo.

J

Umuzingi werekana ubuzima bw’umuntu. Umuntu afise umubiri n’ubwenge gusa, ni we arongora ubugingo bwiwe, kandi ni we abuganza (J) ; Kristo ( ) ntaba mu bugingo bw’uwo muntu, kandi ari hanze y’umuzingi.

Umuntu w’impwemu (1 Ab’i Korinto 2 : 15 urupapuro 337). Abizeye yuko Kristo ari Umwami n’Umukiza wabo kandi bakizigira ubushobozi bwa Mpwemu Yera kugira ngo babeho ubuzima rukristo. Umuntu w’impwemu yahaye ikaze Kristo ( ) mu bugingo bwiwe kandi yaramwemereye kumuganza aciye muri Mpwemu Yera. Uyu muntu yemera uburongozi bwa Mpwemu Yera.

J

Umuntu aganzwa na kameremere k’umubiri (1 Ab’i Korinto 3 : 1, 2 urupapuro 337). Ni abantu bizeye Kristo kuko yarishe umwenda w’ivyaha vyabo ariko bakaba bariko baragerageza n’inkomezi zabo, kugira ngo babeho ubuzima rukristo. (Umuntu aganzwa na kameremere k’umubiri ni igihushane c’umuntu w’impwemu) Umukristo wo mu mubiri abayeho mu nkomezi z’umubiri, atari mu nkomezi za Mpwemu Yera.

J

Naho Kristo aba mu mukristo wo mu mubiri, Mpwemu Yera ntiyamwemereye ko amuganza : ni we yiganza ubwiwe. Ikibazo nyamukuru : Muri iyi mizingi, ni uwuhe werekana neza ubugingo bwawe?


XXIII

Igice ca 3 :

Urashobora kwuzura Mpwemu Yera Ubuzima bwuzuye Mpwemu Yera ni ubuzima burongorwa na Kristo kandi Kristo akaba muri bwo mu bushobozi bwa Mpwemu Yera. Urashobora kwuzura Mpwemu Yera mu kwizera no kwemerera Imana ko iguha ubuzima busagutse nk’uko yabisezeranye. Ibi bikurikira ni intambuko zitatu zerekana ingene wokwuzura Mpwemu Yera. Kwatura : Atura ivyaha vyawe vyose. Zaburi 66 : 18 havuga ngo « Iyaba nari nshize umutima wanje ku vyo kugabitanya, Umwami Imana ntaba yaranyumviye ». Ni kubera iki bikenewe kwatura ivyaha vyose uzi kugira wuzure Mpwemu Yera? (Imana izogiriranira ubumwe nawe igihe uzoba wogeje neza umutima wawe.) Gushikiriza : Shikiriza ubuzima bwawe bwose Imana (Abaroma 6 : 12,13 urupapuro 315). Kwegurira ubugingo bwawe Imana bisaba iki? (Vugana n’Imana ku vyerekeye ingingo ufata ku bijanye n’amahera, imigenderanire n’abandi, akazi, umuryango…) Kwizera : Izere ko Mpwemu Yera akwuzura. 1. Imana yagutegetse kwuzura Mpwemu Yera (Abanyefeso 5 : 18 urupapuro 397). 2. Imana yagusezeraniye ko izokwishura ivyo usaba bihwanye n’ubugombe bwayo (1 Yohana 5 : 14, 15 urupapuro 490).


XXIV Urashobora kwuzura Mpwemu Yera mu kwizera gusa. Iri sengesho rirashobora kugufasha kugira ngo ugaragaze neza ukwo kwizera. « Data, ndazi yuko namye ndongora ubugingo bwanje, kandi kubw’ivyo, naragucumuyeko. Ndagushimiye ko wampariye ivyaha vyanje biciye mu rupfu rwa Yesu rwo ku musaraba. Ubu ndahaye ikaze Kristo kugira ngo aganze ubugingo bwanje. Nyuzuza Mpwemu Yera nk’uko wantegetse kwuzura, kandi nk’uko wansezeraniye ko uzobikora ni nabisaba mu kwizera. Nk’ikimenyetso co kwizera, ndagushimiye yuko uganje mu bugingo bwanje, kandi ukaba unyujuje Mpwemu Yera ». Iri sengesho ryoba rigaragaza icifuzo co mu mutima wawe? Wibaza yuko hokoreka iki usenze iri sengesho ubu nyene? Mbega iki coba ari icifuzo c’umutima wawe? Ni caba ari icifuzo c’umutima wawe, urashobora gusenga iryo sengesho ukuzura Mpwemu Yera.

Igice ca 4 :

Gushira mu ngiro

Ni waba warasubiye kuganza ubugingo bwawe kubera icaha – ico cose wakoze co kutumvira – n’uheme ivyo impwemu (sohora ivyanduye, winjize ibigororotse). Uno mwimenyerezo uzogufasha kuguma mu rukundo no mu nganji y’Imana. Gusohora : Kwihana ivyaha (1 Yohana 1 : 9 urupapuro 484 ; Abaheburayo 10 : 1 – 25 impapuro 454-455).


XXV Wibuke ibintu bitatu bijanye no kwatura : 1. Kwemeranya n’Imana ko wacumuye. 2. Gushimira Imana yuko yamaze kuguharira. 3. Kwizigira Imana kugira ngo ihindure inyifato n’ibikorwa vyawe bibi. Kwinjiza : Gusaba yuko Mpwemu Yera yuzura ubugingo bwawe (Abanyefeso 5 : 18 urupapuro 397). 1. Kwegurira ubugingo bwawe Kristo. 2. Kwizera yuko azokurongora kandi akagukomeza. Bandanya ufata iminota 15 ku musi uri imbere y’Imana, usenga kandi usoma Bibiliya. Ibi bikurikira ni impanuro : 1. Soma Abanyefeso 5 : 18 – 21 (urupapuro 397) ; Ab’i Kolosayi 3 : 12 – 17 (urupapuro 411). Gereranya ibi bice bibiri ico bivuga ku bijanye n’ubuzima bwuzuye Mpemu Yera. 2. Soma isengesho rya Paulo mu cete yandikiye Abanyefeso 3 : 14 – 21 (impapuro 393-394). Ubushobozi agomba ko abagenzi biwe baronka ni ubuhe? Ubwo bushobozi buva hehe? None azodukorera iki natwe? 3. Soma inkuru y’Abigishwa ba Yesu igihe bahura n’igihuhusi bakibaza yuko atabababaye (Mariko 4 : 35 – 41 urupapuro 82). Ni kuki bari bafise ubwoba? Mbega bakekeranije iki ku Mana? Incamake : Mpwemu Yera ni we soko y’inkomezi z’Abakristo. Igihe wizeye Yesu, Mpwemu w’Uhoraho azoshira akamere kiwe muri wewe, yongere agushoboze kuba icabona ciwe. Ikibazo nyamukuru : Imana yaguteguriye iki kugira ngo umenye Kristo kurusha, mu nzira yawe yo gukura mu buzima rukristo?


XXVI

Ubugingo bwawe muri Kristo Icigwa ca kane

Gukurira muri Kristo Mpwemu Yera arifuza kugukomeza kugira ngo ubeho urongorwa na Kristo mu bugingo bwawe. Igihe uzobandanya ugira wa mwimenyerezo wo guhumekera muri Mpwemu (usohora-wihana icaha kandi winjiza-usaba kwuzura Mpwemu Yera), uzoguma mu bumwe budasanzwe n’Imana, na Yo izogufasha gukura no kuba umukristo ashitse.

Kwizigira

Ugukura muri Mpwemu kumara igihe – nta nzira ngufi zibaho.

KUVUKA MURI MPWEMU

Bifata igihe kirekire!

Igihe


XXVII

Igice ca 1 :

Gukurira muri Kristo bisigura iki? Ni ukugwiza kumenya Kristo, kugwiza urukundo tumukunda n’ingene tumwumvira. Yesu avuga ko urufatiro rw’ubugingo budashira ari uruhe? Soma Yohana 17 : 3 (urupapuro 228). (Kumenya Imana.) Hariho ivyagezwe birenga 600 biri mw’Isezerano rya kera. Wibaza yuko ari kubera iki Yesu yavuze iki kimwe kiri muri Matayo 22 : 37 – 39 (urupapuro 55)? (Nimba dukunda Imana vy’ukuri, tuzokwitondera n’ivyo vyagezwe bindi.) Gukundisha Imana umutima wawe wose, n’ubwenge bwawe bwose, n’ubugingo bwawe bwose, bihindura gute ubugingo bwawe? Ugukunda Imana kugenda kurakura, kuzogushikana kuki? Soma Yohana 14 : 21 (urupapuro 223). Nk’uko ari ibisanzwe ko umwana akurira mu migenderanire y’urukundo bo n’umuvyeyi wiwe, ni ko ari ibisanzwe ko nawe ukurira mu migenderanire y’urukundo ku Mana.


XXVIII

Igice ca 2 :

Wokura gute muri Kristo? Kuyaga ni ikintu gihambaye cane mu migenderanire, harimwo n’imigenderanire yawe na Kristo. Hariho ibintu bine bigenga kuyaga kandi bizogufasha guteza imbere imigenderanire yawe n’Imana ni wagendera mu bushobozi bwa Mpwemu Yera.

IMANA Amasengesho Abakristo

Abatari Abakristo Gushinga intahe

Ubumwe Bibiliya

Bibiliya : Imana ivugana natwe iciye muri Bibiliya, ikaduhishurira kamere kayo n’ubugombe bwayo. Soma 2 Timoteyo 3 : 16, 17 (urupapuro 434). Ibi bikurikira ni inyungu ziboneka muri iki gice : Ukwigisha kwerekana mu kuri, uko Imana imeze, n’uko twebwe tumeze ;


XXIX Gusuzuma – kwerekana ikitagenda neza ; Guhindura – kwerekana ingene twokora ibikwiriye ; Kwimenyereza mu kugororoka – kwerekana ingene twobaho ubuzima bunezereza Imana. Ni iyihe nyungu muri izi, ubona yokugirira ikimazi ubu nyene? Ubona Bibiliya imaze kugufasha iki kuva utanguye kuyisoma? Amasengesho : Tuvugana n’Imana biciye mu masengesho, tuyibwira ivyiyumviro vyacu, ivyo dukenye, n’ivyifuzo vyacu vyo gukora ivyo igomba. Soma Ab’i Filipi 4 : 6, 7 (urupapuro 405) na 1 Yohana 5 : 14, 15 (urupapuro 490). Iyi mirongo itubwira iki ku bijanye n’amasengesho? (Isengesho ryerekeye ibiri mu mutima y’uwuriko arasenga. Kandi Imana idusezeranira ko iyo dusenze ibihuye n’ubugombe bwayo, itwumva kandi ikatwishura.) Ni ibihe bintu wumva wosengera? Soma 1 Ab’i Tesalonike 5 : 18 (urupapuro 418). Ni kubera iki ari ikintu gihambaye gushima Imana? (Imana iragomba ko tuyishimra ; mu kuyishima rero, tuyereka ko dufise ivyizigiro muri Yo.) Ubumwe : ukuremeshanya no guterana intege ni bimwe mu biranga ubumwe bw’Abakristo.

Inkwi iyo ziri hamwe zaka neza, ariko iyo rumwe rugiye ukwarwo biroroha ko ruzima. Ni ko n’ubumwe bwawe n’abandi Bakristo bumeze.


XXX Soma Abaheburayo 10 : 24, 25 (urupapuro 455) na Filemoni 1 : 7 (urupapuro 440). Ni kuki ari ivyo igiciro kuba hamwe n’abandi Bakristo? (Kugira duterane intege mu gukora ibikorwa vyiza biva mu rukundo.) Ku bwawe, ni kubera iki ari ivyo igiciro gukora nk’ivyo? Soma Ivyakozwe n’Intumwa 2 : 42 – 47 (urupapuro 243). Wokura hehe Abakristo mwogiriranira ubumwe kugira bagufashe? (Mw’ishengero ryiza no mu mirwi yiga Bibiliya.) Turakeneye cane kuba hamwe n’abandi Bakristo bakunda Imana kandi bagendana na Yo, kugira dufashanye mu vyo impwemu. Kuko mw’ishengero ari ho dushobora guhurira kwumva amajambo y’Imana, ni co kibanza Imana yatoye ko Abakristo bahuriramwo. Inyigisho za Bibiliya n’ayandi makoraniro yaho, na vyo nyene ni bikuru. Gushinga intahe : Tubwira abatari Abakristo mu kubashingira intahe tubabwira ivyiza vy’imigenderanire yacu na Kristo. Soma Ivyakozwe n’intumwa 4 : 12 (urupapuro 246). Ikintu kigusunika kubwira abandi ivya Kristo ni igiki? (Ni ivyo Yesu yakoze mu bugingo bwawe.) Ni nde muntu ushaka kubwira ivyo Yesu yakoze mu bugingo bwawe? Intambuko zine z’ivyo impwemu (urupapuro I), ni uburyo bwiza bwo gukoresha mu gihe ugomba kubwira ubutumwa bwiza umuntu woba usanzwe uzi. Incamake : Soma 1 Ab’i Korinto 3 : 6, 7 (urupapuro 337). Imana ni Yo izogukuza. Ntushobora gukura muri Mpwemu ukoresheje inkomezi zawe. Igihe uriko uragendera mu bushobozi bwa Mpwemu Yera, soma Bibiliya, usenge, ubwire abandi ivya Kristo wongere ufatanye n’abandi Bakristo, Imana izokorera muri wewe mu kuguha kwama imbuto no gukura.


XXXI

Igice ca 3 :

Gushira mu ngiro Dondagura ibintu ushaka yuko Imana yozana mu bugingo bwawe. 2 Petero 1 : 5 – 9 (urupapuro 479) herekana igicapo co gukura ku mukristo. Wisunze iki gice, ku bwawe ubona intambamyi nyamukuru ibuza umukristo gukura ari iyihe? (Kwibagira uguharirwa ivyaha vyacu n’ubuntu butangaje Imana itugirira.) Ibuka : Imana iragukunda ata kintu na kimwe igusavye. Igukunda uko uri kwose. Urukundo nta ngere igukunda, ntiruhagaze ku rugero ugezeko mu mpwemu. Tegekanya ku musi ku musi akanya n’ikibanza kugira ngo uze uriga Bibiliya wongera usenga. Igitabo ciza wotangura kwiga, ni igitabo kiri mw’Isezerano Risha, ubutumwa bwiza bwanditswe na Yohana (urupapuro 187). Igihe uriko urasoma, ca akarongo musi y’imirongo ifise insiguro igufashije. Senga wongere usabe Imana iguhishurire uko Iri, n’ingene wovugana na Yo. Gerageza uze urandika ivyiyumviro vyawe ku musi ku musi, andika amasengesho yawe n’inyishu zayo igihe cose zije. Kugira wige cane Bibiliya, subira usome ibice biri muri kino cigwa. Ibindi bice vyo kwiga ni : Ab’i Kolosayi 1 : 9 – 12 (urupapuro 407) ; Matayo 7 : 7 – 11 (urupapuro 17) ; 2 Ab’i Korinto 5 : 17 – 21 (urupapuro 368) ; 1 Ab’i Korinto 12 : 12 – 27 (impapuro 352-353) ; Yohana 15 : 1 – 7 (impapuro 224-225) ; na Luka 9 : 23 – 26 (urupapuro 143). Wibuke kubwira umuntu umwe ivya Kristo.


Aya majambo ni ayo uwiyita yuko ari umwana w’Imana kandi akavuga ko Imana ari Se wiwe. Iki gitabo kivuga inkuru ziwe. Izina ryiwe ni Yesu. Vy’ukuri ivyo Yesu yavuze vyose vyagumye ari ukuri kudahinduka, harimwo n’amasezerano yiwe yo guha ubugingo budashira uwumwizeye wese. Ntiyari umunyedini.

IGITABO C’UBUGINGO

Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Nta wushika kwa Data ntamujanye.

Soma iki gitabo citwa Isezerano Risha hanyuma uhe Imana akanya ivugane nawe.

Soma ivyerekeye iherezo ryawe!

Iki gitabo si ico kugurisha.

I s e z e r a n o R i s h a

Soma ibijanye n’iherezo ry’abantu n’ibizoshikira iyi si yacu mu bihe bizoza.

IGITABO C’UBUGINGO I s e z e r a n o

R i s h a

Profile for MediaServe

NT Kirundi  

New Testament (pocket size) in Kirundi. Includes supplementary material for new believers.

NT Kirundi  

New Testament (pocket size) in Kirundi. Includes supplementary material for new believers.

Advertisement