NT Kirundi

Page 20

XII Fata ingingo imwe imwe ku musi uyiyumvireko. Soma imirongo ijanye n’ingingo iyo ari yo yose. Shimira Imana ko ubu utahuye ukwo kuri. Kumenya ukwo kuri ni nkenerwa cane kugira ukurire muri Kristo. Muri iyi ndwi, ubwire umuntu umwe ko ufitaniye imigenderanire n’Imana. Ikibazo nyamukuru : Bigenda gute igihe turiko turirwanira n’inkomezi zacu kugira tubeho ubuzima rukristo hanyuma bikatunanira?

Ubuzima bwawe muri Kristo Icigwa ca kabiri

Kuba mu rukundo rw’Imana Imigenderanire yawe n’Imana irashikamye, kuko muri Kristo, warahariwe kandi waremewe n’Imana. Hejuru yo gushiraho imigenderanire ishikamye, Imana irifuza kandi yuko wogendana na Yo, ukavugana na Yo ku musi ku musi. Iki ni co citwa imigenderanire. Igihe duhisemwo gucumura, imigenderanire yacu (ikibanza cacu nk’abana b’Imana) ntihinduka, ariko ubumwe bwacu n’Imana burasambuka.


Issuu converts static files into: digital portfolios, online yearbooks, online catalogs, digital photo albums and more. Sign up and create your flipbook.