Burundi: a practical guide for victims

Page 1

trial International

ISHINGISHA RY’IMANZA MU NZEGO MPUZAMAKUNGU ZIHARANIRA IYUBAHIRIZWA RY’AGATEKA KA ZINA MUNTU URWANDIKO NDANGABIKORWA RUGENEWE ABAKORERA MU BURUNDI


INTANGAMARARA

Mu Burundi, ingwano yatanije mu mitwe abanyagihugu yahitanye abantu barenga ibihumbi amajana atatu. Naho haciye imyaka itari mike abaribashamiranye bahagaritse kugwana ukutubahiriza agateka ka zina muntu vy’umuremurengera ntivyigeze guhagarara, nubu bikaba bibandanya ukuri kwamye ; muri ivyo hakaba harimwo ibijanye n’isinzikazwa ry’ubuzima bwa kiremwa muntu kugira bamwemeze ku nguvu ivyo bashaka gushikako, ugusambanya abantu ku nguvu canke igandagurwa ry’abantu ndengerabutungane. Kenshi na kenshi, ayo mabi ntahanwa kandi Uburundi bwarateye ibikumu ku masezerano mpuzamakungu atari make yubahiriza agateka ka zina muntu. Igihugu kirangwa n’ibintu vyinshi cane bitagororotse kandi biteye impungenge mu gisata c’ubutungane ; gushika ubu, nta nyishu ikwiye kandi ishimishije Reta itanga mu bijanye n’ugutunganiriza abarenganijwe mu kutubahiriza agateka ka zina muntu.

2

Abakorewe amabi barateba bagacika intege iyo badashoboye gutunganirizwa n’amasentare bituye yo mu gihugu kandi baba barasirisimvye bagacoka. Mu bisanzwe ariko bategerezwa kumenyeshwa ko, mugihe ibisabwa bikwiye, bafise uburenganzira bwo kwitura inzego mpuzamakungu zubahiriza agateka ka zina muntu zitari nke, mu gihe ivyo vyaha babikorewe n’abakozi ba Reta y’Uburundi. Uru rwandiko ndangabikorwa rwakozwe n’Ishirahamwe ryo mu gihugu c’Ubuswise ritegamiye Reta – TRIAL –, rufise intumbero yo gushira ahabona inzego mpuzamakungu zubahiriza agateka ka zina muntu abakorewe ivyaha bashobora kwitura. Ntirusigura gusa uko izo nzego zikora n’ibisabwa kugira umuntu aziture, ruratanga kandi n’uturorero dusobanutse twerekana amayira ngirakamaro mu bijanye n’ubutungane. Rurafasha kandi abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi kwiyumvira ukuntu bokoresha bene ayo mayira.


URU RWANDIKO NDANGABIKORWA RUGENEWE NDE ?

Uru rwandiko rugenewe ahanini abashingwamanza be n’abakora buri musi mu vy’ubutungane, abaserukira amashirahamwe ategamiye Reta, hamwe n’abacungera ko hataba ukutubahiriza agateka ka zina muntu, hamwe kandi n’abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu.

Uru rwandiko ruzobafasha kwiyumvira amayira anyuranye kandi arashe kurusha mu buryo bwo kuburanira abarenganijwe basinzikarijwe ubuzima bwabo, na cane cane babicishije mu kwitura inzego mpuzamakungu no mu gikorwa co guhimiriza bikomeye mu bijanye n’ubutungane no guhasha ukudahana ivyaha mu Burundi.

Uru rwandiko rugenewe kandi Reta y’Uburundi yo yemeye atagahato, kandi ikwirikije ubwigenge bwayo, ububasha bw’izo nzego mpuzamakungu, bwo gutohoza imanza zishingishijwe n’abakorewe ivyaha.

Gutyo, Reta yaremanze ko umuntu wese afise ububasha bwo kwitura bene izo nzego, mu gihe cose inzego n’ama Sentare z’igihugu c’Uburundi zitashoboye gutohoza canke guhana abagirizwa ko boba bakoze ivyaha bikomeye mu kutubahiriza agateka ka zina muntu. Uburundi butegerezwa rero gukorana n’izo nzego mpuzamakungu be no gushira mu ngiro ingingo zifashe.

3


ABASINZIKAJWE N’UKUTUBAHIRIZA AGATEKA KA ZINA MUNTU : BOKWITURA NDE ? Mu nzego mpuzamakungu 11 ziriho kandi zizi neza ivy‘Uburundi mu vyiyubarihirizwa ry’agateka ka zina muntu, zitatu zonyene ni zo zishobora kwakira imanza zijanye n’abahonyangiwe agateka kabo bivuye ku bakozi ba Reta y’Uburundi :

Komite ijejwe kurwanya isinzikazwa ry’ubuzima bwa kiremwa muntu (CAT) ry’Ishirahamwe mpuzamakungu ry’ibihugu vyunzubumwe (ONU) Umugwi nshigwabikorwa w’Ishirahamwe mpuzamakungu ry’ibihugu vyunzubumwe (ONU) ukwirikirana ivy’abapfungwa bidaciye mu mategeko (GTDA) Umurwi w’abahinga b’Afirika ujejwe iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu na benegihugu (CADHP) Naho kwitura bene izo nzego ari imwe mu nzira zifasha iyo umuntu atashoboye gutunganirizwa n’inzego z’ubutungane z’igihugu ciwe, twibutse ko kuzitura bifata igihe kirekire cane kandi ko ibisabwa kugira imanza zakirwe ari nk‘amananiza. 4


KUSHIMANGIRA INTWARO ISHINGIYE KU MATEKA N’AMATEGEKO HAMWE N’INZEGO ZIGIZE UBUTUNGANE Amayira ashikana ku nzego mpuzamakungu ashikana kuri ibi kurikira :

Kuburanira abasinzikarijwe ubuzima mu guhabuza agateka kabo no kubasabira indishi. Kudoma urutoke ku bibazo rukururana mu Burundi kugirango bashire ahabona ibihushane biri hagati y’ibisanzwe bikorwa hamwe nivyari gukorwa bitegekanijwe n’amategeko y’igihugu be n’ibitegerezwa n’amakungu igihugu cemeye. Guterera Reta y’Uburundi ivyiyumviro ngendengwako bijanye n‘ivunurwa ry‘inzego z’ubutungane, mu ntumbero yo kuzishira ku rugero rw’ibisabwa n’amakungu. Kumvisha abatwara ivyo babwirizwa gukurikiza mu bisabwa n’amakungu mu vy’ubahiriza agateka ka zina muntu, mu ntumbero yo gukinga muri kazoza ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu. Kugwanya ukwiyibagiza ivyaha bikomeye bijanye n’ihonyangwa ry‘agateka ka zina muntu ryabaye muri kahise, kugira ngo bakinge ko bisubira kuba muri kazoza. Kugwanya ukudahana ivyaha, kugira ngo intwaro ishingiye ku mateka n’amategeko ishingirwe intahe. Gufasha kubungabunga amahoro no kwubaka igihugu kirangwa n’ubutungane kuri bose na hose.

5


KOMITE IJEJWE KURWANYA ISINZIKAZWA RY’UBUZIMA BWA KIREMWA MUNTU (CAT)

CAT ni urwego ruharanira agateka ka zina muntu ruri mw’Ishirahamwe mpuzamakungu ry’ibihugu vyunzubumwe (ONU), rigengwa n’amasezerano yo kurwanya isinzikazwa ry’ubuzima bwa kiremwa muntu, n‘ibindi bihano bifata umuntu bunyamaswa hamwe n’ayandi mabi y’agahomerabunwa kandi agatesha agaciro runtu Uburundi bwateyeko igikumu kw’igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 1993. Iyo Komite ifise icicaro cayo i Jeneve mu Buswise, igakorana kabiri mu mwaka. Igizwe n’abahinga 10 bigenga, basasa umwe umwe wese ku giti ciwe, kandi bakaba batogwa bafatiye ku buhinga bwabo.

IYO KOMITE IJEJWE IKI ?

›› Gucungera ko amasezerano y’iyo nama mpuzamakungu

ijejwe kugwanya isinzikazwa ry’ubuzima bwa kiremwa muntu ashirwa yose mu ngiro n‘ibihugu vyayemeje mu kwihweza amaraporo atangwa n’ivyo bihugu.

›› Gutanga insiguro yerekeye ibiri muri ayo masezerano

mpuzamakungu ajanye n’isinzikazwa ry’ubuzima bwa kiremwa muntu

›› Kwiga neza ibirego yashikirijwe n’abakorewe ivyaha

bijanye n’isinzikazwa ry’ubuzima bwa kiremwa muntu, harimwo n’abakorewe amabi yo gusambanywa ku nguvu, bitwariye Reta n’abayikorera bagirizwa ko boba barakoze bene ivyo vyaha.

www.ohchr.org/EN/HRBodies/CAT/Pages/CATIndex.aspx

6


INZIRA YO KURONDERA UBUTUNGANE Y’AMANANIZA

ry’ubuzima bwa kiremwa muntu yakorewe mu Burundi guhera inyuma y’igenekerezo rya 10 Ruheshi 2003 vyonyene.

Ku manza 472 yashikirijwe, CAT yashinze ko imanza 67 zitakirwa kubera zitari zikwije ibisabwa, nukuvuga ku rugero rungana n’ibice 14 kw’ijana ( 14 % ). Ku manza 238 zihwejwe idonido, CAT yashinze ko Reta ariyo yagirizwa guhohotera abakorewe icaha mu manza 88 zo nyene.

›› Idosiye igizwe nivyabaye binonosoye neza be n’ivyemezo

(Ibiharuro vyashizwe ahabona kw‘igenekerezo rya 14 Myandagaro 2014)

NI IBIHE BISABWA KUGIRA NGO UMUNTU YITWARE kuri iyo komite ?

›› Komite yiga ibirego vyerekeye amabi y’isinzikazwa

bifashe itegerezwa gushikirizwa Komite ya CAT

›› Komite iraheza igatohoza ko ikibazo ishikirijwe kitigeze

cigwa canke ko kitoba kiriko kirigwa n’urundi rwego mpuzamakungu rushobora gufata kandi ingingo kuri bene ivyo birego vy’abakorewe icaha

›› Inzira zose z’ubutungane uwakorewe icaha

aba ashobora gucamwo mu gihugu ciwe kugira atunganirizwe zitegerezwa kuba zaraciwemwo zose. Ni ukuvugako CAT yihweza urubanza aruko gusa abakorewe icaha baba ataco batakoze mu gihugu cabo kugira batunganirizwe n’inzego z’ubutungane bw‘ico gihugu ariko urubanza rwabo rugaheza ntirwakirwe kugira ngo hakorwe amatohoza, uwakoze icaha ntahanwe canke ngo uwakorewe icaha ntaronke indishi.

Ariko, menya neza ko iri tegeko ridakwirikizwa iyo :

›› Urubanza rwarengeje igihe

kidasanzwe ufatiye ku rugero rwari kumara

›› Bigaragara ko urubanza ataco rushobora kuvamwo

›› Bigaragara ko uwakorewe icaha

ashobora kubizira mu gihe ashingishije bene urwo rubanza. 7


ICIGWA GIFATIYE KU VYASHIKIYE Boniface Ntikarahera : YASINZIKARIJWE UBUZIMA

IVYASHITSWEKO

UBURYO BWAKORESHEJWE MU KURONDERA UBUTUNGANE

›› Uwahohotewe yarituye inzego z’ubutungane akatari gake, abifashijwe

mwo n’ishirahamwe ACAT-Burundi, ariko urubanza rwiwe ntirwakiriwe ngo hakorwe amatohoza

URUBANZA Boniface Ntikarahera ni umunyezamu w’ijoro mu bitaro biri i Bujumbura. Mu kwezi kwa Gitugutu 2010, yarasenyaguwe ari ku kazi kiwe ; abamukoreye ayo mabi nabo si abandi atari abaporisi bafatanije n’umukomiseri w’igiporisi, bategetswe n’uwahoze arongoye igisagara ca Bujumbura. Yaraboshwe, aregagurwa ariko ajanwa mw’ibohero gushika aho araba kubera amahiri yakubiswe. Boniface Ntikarahera yarapfungiwe ic’amaso imisi myinshi mw’ibohero ry’igiporisi rikukira ubutungane, aboshwe bunyamaswa amasaha yababa 32, aho yabwirijwe gusangira akumba ubusa n’abandi bapfungwa barenga 40, mu buryo butagira uko buvugwa, kandi atanavurwa. Ayo mabi yamubayeko yatumye amara amezi abiri yose mu bitaro, kandi n’ubu uwo mugabo w‘imyaka 43, afise abana 2, afise ingaruka mbi ku magara yiwe zituruka kw’isinzikazwa ry’ubuzima bwiwe.

8

›› Abonye abategetsi yituye ataco bakoze, yarituye CAT mu kwezi kwa Ndamukiza mu mwaka wa 2012 afashijwe n’ishirahamwe TRIAL.

›› Haciye hafatwa ingingo zo kumukingira kugira ngo bakinge

abamuhohoteye ntibihore. Reta ntiyigeze igira ico yishura ku birego yarezwe kandi yarishujwe kenshi, ntiyigera ikoresha uburenganzira bwayo bwo kwiregura.

›› CAT yaciye ifata ingingo mu kwezi kwa Rusama 2014. Yashinze

ko Uburundi butubahirije Amasezerano mpuzamakungu agwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, igasaba abategetsi ko Uburundi butanguza itohoza ataho rihengamiye kugirango bukwirikirane bwongere buhane abagirizwa [ico] caha co guhohotera ikiremwamuntu, uwakorewe ico caha nawe aronswe indishi.

›› Mu kwezi kwa Mukakaro 2014, amatohoza yarongeye arasubira

gutangura, umushikirizamanza arumviriza uwakorewe icaha kandi hafatwa n’ingingo ko umuhinga w’umuganga yomusuzuma kugira ngo haserurwe ubumuga bwo ku mubiri bwavuye mw’ihohoterwa yakorewe.

›› Sentare ntahinyuzwa irashobora gusubiza itoto urubanza « mugihe, bashingiye ku ngingo yafashwe n’isentare mpuzamakungu canke urwego rw’ubutungane ruri hejuru y’inzego z’ubutungane z’igihugu, hemejwe ko harenzwe ingingo ihambaye yo mu masezerano mpuzamakungu Uburundi bwashizeko igikumu (ingingo ya 43 akarongo ka 5 k’itegeko rigenga Sentare Gasamburamanza).


CAT yashinze ko Reta y’Uburundi yarenze amategeko mpuzamakungu yiyemeje.

Komite yafashe nka nkama ibirego vyashikirijwe nuwayituye, bivuga ko ikubitwa ryiwe ryagize ingaruka mbi zamuteye kwamana ububabare budasanzwe, ku mubiri no ku mutima, kandi ko yakubiswe n’ibigirankana n’abakozi ba Reta, mu ntumbero yo kumuhasha no kumukorera iterabwoba (agace ka 6.2 k’urubanza rwaciwe)

CAT yemeza ko isenyagurwa ry’umuntu rikorewe hanze y’ibohero ari kimwe no gusinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu (ingingo ya mbere)

CAT yemeza ko abategetsi ba Reta y’Uburundi ata shaka bafise

›› Nta tohoza ku vyabaye ryigeze rikorwa mu kiringo kirenga imyaka 4 kuva ihohoterwa ribaye.

›› Abategetsi nta ngingo n’imwe bigeze bafata ijanye

n’ugushumbusha, uguha indishi uwahohotewe canke kumusubiza agateka kiwe.

CAT yemeza ko Reta ata shaka yagize ryo kumutungaraniza.

CAT ibona ko uburyo uwakorewe icaha yapfunzwemwo ari kimwe n’ugushaka kumufata bunyamaswa, kimwe no kumutesha agaciro runtu be no kumujakaza (ingingo 11 na 16)

Komite ibona ko haciye igihe nk’ico imbere y’uko amatohoza atanguye kubijanye n’isinzikazwa ry’ubuzima bwa kiremwa muntu biboneka atankeka ko harimwo akankanzi, kandi ko atari agasesesha rumuri Reta i yarenze amategeko ayiraba (…). (agace ka. 6.4 k’ingingo z’urubanza)

Kuba ata matohoza yabaye mu maguru masha kandi ataho ahengamiye, kandi hariho ivyemezo bikwiye kandi bigaragara vyerekana ko uwitwara yasinzikarijwe amagara, bikaba bitigeze bihanwa, Komite yashitse ku ngingo ko Reta y’Uburundi yarenze amategeko yiyemeje kandi ayikurikirana (agace ka 6.5 k’ingingo z’urubanza)

Vyongeye, Komite yarafashe nka nkama ivyashikirijwe n’uwayituye avuga ko atigeze amenyeshwa ivyo yagirizwa, ko atamushingwamanza yaronse, kandi ko atigeze ajanwa imbere y’umucamanza mu gihe cose yarapfunzwe. Komite ikabona ko rero ivyabaye vyerekana ko Reta (y’Uburundi) yahonyanze amategeko yemeye. (agace ka. 6.5 k’ingingo y’urubanza)

Umuhora ujana ku ngingo urubanza rwagezeko :

http://bit.ly/1wUx5Kg

9


UMUGWI NSHINGWABIKORWA W’ISHIRAHAMWE MPUZAMAKUNGU RY’IBIHUGU VYUNZUBUMWE (ONU) URABA IPFUNGWA RY’ABANTU RITAJANYE N’AMATEGEKO (GTDA).

GTDA ni urwego rujejwe gukingira agateka ka zina muntu mw’Ishirahamwe mpuzamakungu ry’Ibihugu vyunzubumwe (ONU), rwitwa inzira idasanzwe. Rufitaniye isano kandi rugakorana n’Inama mpuzamakungu yubahiriza agateka ka zina muntu (Conseil des droits de l’homme). Ishingira ibikorwa vyayo kw’Itangazo rusangi ry’isi yose ry’agateka ka zina muntu hamwe n’Amasezerano mpuzamakungu yerekeye amateka yo mu buzima busanzwe n’ubwa politike (Pacte international relatif aux droits civils et politiques – PIDCP – ), igihugu c’Uburundi cemeje kuva igenekerezo rya 9 Rusama1990. Umugwi GTDA ufise icicaro cawo i Jeneve (mu Buswise) ; ni na ho ukoranira ku biringo bizwi. Ugizwe n’abahinga 5 bigenga, basasa umwe umwe wese ku giti ciwe.

UWO MUGWI USHINZWE IKI ?

›› Kwegeranya ibiranga ipfungwa rinyuranye n’amategeko

kw’isi yose, kandi ugaca useruka bidatevye uciye ku mibonano ugirana n’ama Reta, ukongera ugashika vyihuta kwirabira aho bibera ;

›› Gukora ivyigwa biraba ipfungwa rinyuranye n’amategeko mu ntumbero yo gufasha ibihugu ngo bikinge bene iyo migirwa ;

›› Kwihweza ibirego vy’abasinzikarijwe ubuzima no

gufata ingingo kubirego birimwo ivyerekana ko habaye ipfungwa ritajanye n’amategeko hamwe n’ihonyangwa ry’amategeko mpuzamakungu, mu buryo bwinshi. Bumwe muri ubwo buryo ni nk’ubu bukurikira :

www.ohchr.org/EN/Issues/Detention/Pages/WGADIndex.aspx

10


›› Iyo ata shingiro ry’itegeko ririho ifungwa ry’umuntu rifatiye ko

›› Iyo ipfungwa ry’umuntu ryabaye kubera yakoze

ivyo yemererwa n’ishiramungiro ry’amateka n’ukwishira n’ukwizana ahabwa n’Amasezerano mpuzamakungu vyubahirijwe na PIDCP, nko gushikiriza ivyiyumviro canke gukora ama nama

Umugwi nshingwabikorwa GTDA watanze impanuro 69 zerekeye ipfungwa ry’abantu 198 bo mu bihugu 37, mu mwaka w’i 2012.

›› Iyo harenzwe amategeko mpuzamakungu yerekeye uburenganzira bwo kuronka ubutungane bubereye mu mburano

›› Iyo hari ipfungwa rifashe igihe kirekire ry’abasaba ubuhungiro, abava mu bihugu bimukira mu bindi be n’impunzi, ata suzumwa rishoboka, ata buryo bw’ukwunguruza ingingo zafashwe n’inzego z’intwaro canke z’ubutungane

›› Iyo ipfungwa rifatiye ku mvo z’ikumira iryo ariryo ryose

N’ibiki bisabwa kugira umuntu yiture umugwi nshingwabikorwa GTDA ?

›› Umugwi nshigwabikorwa GTDA ufise ububasha bwo

kwemeza ko ipfungwa ry’umuntu riteye kubiri n’amategeko (n’iyo kandi rikibandanya)

›› Idosiye irimwo insiguro zitomoye hamwe n’ivyemezo bishemeye ni yo ishikirizwa GTDA.

›› GTDA urasuzuma ko urwo rubanza rutariko rurihwezwa

n’urundi rwego rufise uburenganzira bwo gufata ingingo kuvyerekeye ibibazo biraba iyubahirizwa rya kiremwa muntu

›› Ko bitari nkenerwa kubanza gukoresha inzira zose

zishoboka imbere y’inzego z’ubutungane z’igihugu ; uwakorewe icaha canke uwumuserukira, abwirizwa kwerekana ivyakozwe mu gihugu mu kwiyamiriza iryo pfungwa 11


ICIGWA GIFATIYE KU VYASHIKIYE François Nyamoya : YAREnGANIJWE MU GUPFUNGWA BIDACIYE MU MATEGEKO

URUBANZA Francois Nyamoya yafashwe kw’igenekerezo rya 28 Mukakaro 2011 yagirizwa kugura amasura. Uyu mushingwamanza w’ijunja yafungiwe mw’ibohero rya Mpimba i Bujumbura, igihe cababa amezi indwi imbere y’uko arekurwa ivy’agateganyo; harabonetse utunenge twinshi mu bijaye n’ipfungwa ryiwe. Mu gihe amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politikeabashingwamanza, abaharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru- yakorerwa itotezwa n’iterabwoba n’abategetsi b’Uburundi, ifungwa ry’umushingwamanza Nyamoya, ryari rifatiye vy’ukuri ku mvo zijanye n’ibikorwa vyiwe vya politike be n’ivyiyumviro yashikiriza bidashimisha abategetsi. Kuva aho apfungiwe, benshi mu badaharanira ivyicaro vya politike, harimwo urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura, amashirahamwe ategamiye Reta yo mu Burundi n’ayandi mpuzamakungu, baraviriye hasi rimwe kugira bamupfunguze, batera akamo abategetsi bo mu bisata vy’ubutungane na politike. 12

IVYASHITSWEKO

UBURYO BWAKORESHEJWE MU KURONDERA UBUTUNGANE

›› Isabwa ry’uko apfungurwa ntiryumviwe, n’ingingo yo kumupfungura ivy’agateganyo ntiyashizwe mu ngiro

›› Umugwi nshingwabikorwa GTDA warituwe n’ishirahamwe

TRIAL mu kwezi kwa Munyonyo 2011 kugira ngo rikore amatohoza kuri iryo fungwa. Reta y’Uburundi yarashikirije ico yiyumvira kuri ivyo birego, ikoresheje uburenganzira bwayo bwo kwiregura.

›› Mu kiringo kiri musi y’umwaka, umugwi nshingwabikorwa wemeje ko ipfungwa rya Francois NYAMOYA ryari riteye kubiri n’amategeko

›› Urubanza rwo gusaba indishi hafatiwe ku ngingo

yafashwe n’umugwi nshigwabikorwa GTDA rwarashingishijwe imbere y’inzego z’ubutungane z’Uburundi.


Umugwi nshingwabikorwa GTDA uremeza ko ipfungwa rya Francois Nyamoya RITEYE KUBIRI N’AMATEGEKO

›› Kubera ko igihe gitegekanijwe n’amategeko carenze,

ivyo yagirizwa ntibigishobora gukwirikiranwa ; nta tegeko na rimwe rishingiweko mw’iipfungwa ryiwe

›› Akandi kanenge mu nzira y’ubutungane yakurikijwe,

Utunenge twashizwe ahabona (…) turahambaye cane ku buryo dutuma umurwi nshingwabikorwa wemeza ko ipfungwa rya F. Nyamoya riteye kubiri n’amategeko (uduce twa 48 na 50 tw’ingigo y’urubanza)

ni uko ingingo yo gupfungura Francois Nyamoya ivy’agateganyo yafashwe n’ubutungane itashizwe mu ngiro.

Umugwi nshingwabikorwa GTDA uremeza ko ipfungwa ry’uwasinzikarijwe ubuzima ryavuye ku mvo zifatiye

›› Ku bikorwa vy’umwuga wiwe w’ubushingwamanza ›› Ku kwitanga kwiwe muguharanira agateka ka zina muntu ›› Ku vyiyumviro vyiwe vya politike Umugwi nshingwabikorwa GTDA waremeje uburyo butajanye n’amategeko bw’ingingo zo gucungera no gushira mu ngiro uruja n’uruza rwa Fr. Nyamoya amaze gupfungurwa

›› Umugwi nshingwabikorwa GTDA ntiwemeje gusa ko

ipfungwa ry’Umushingwamanza Nyamoya ryari riteye kubiri n’amategeko, uvuga ko kandi ingingo zamufatiwe mu kugabanya umwidegemvyo wiwe yavuye mu munyororo nazo nyene zari ziteye kubiri n’amategeko.

›› Umugwi nshingwabikorwa GTDA wasavye ko izo

ngingo zihanagugwa agatako kandi akaronswa indishi.

Kubera izo mvo, Umugwi nshingwabikorwa (GTDA) ubona ko hariho isano rihagije hagati y’ifungwa ry’umushingwamanza François Nyamoya n’ibikorwa vyiwe bijanye n’umwuga akora, na cane cane kuvuga ico yiyumvira ku bikorwa vya Reta, ukwitanga kwiwe muri politike, imyiyerekano yo kumugaragaro yashoboye kujamwo, ukuba yariyamirije ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu be n’ibihe bitoroshe bikandamiza abashingwamanza, nk’uko bigaragara mw’ipfungwa ry’Umukuru w’abashingwamanza. Ivyo vyose bikaba bijana n’ihonyangwa ry’agateka ko gushikiriza ivyiyumviro vy’umuntu mu mwidegemvyo be n’ako gukora inama mu mutekano (uduce twa 50 na 52 z’ingingo y’urubanza)

Irekurwa rya F. NYAMOYA kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2012 ntiribuza ko ipfungwa ryiwe, kuva igenekerezo rya 28 mukakaro 2011 gushika igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2012 riteye kubiri n’amategeko. Vyongeye, igabanywa ry’ukwishira n’ukwizana kwiwe ntirishobora kuba ryosigugwa n’amategeko kubera ko riza ryisunga ipfungwa rinyuranye n’amategeko. (…) Ukugabanya ukwishira n’ukwizana vyashizweho n’ingingo yafashwe kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2012 nakwo nyene guteye kubiri n’amatekegeko (…). (uduce twa 53, 54 na 55 tw’ingingo yafashwe).

Lien vers la décision : http://bit.ly/1KlHbyp

13


UMURWI W’ABAHINGA B’AFIRIKA UJEJWE IYUBAHIRIZWA RY’AGATEKA KA ZINA MUNTU NA BENEGIHUGU (CADHP)

Umugwi w’abahinga b’Afirika ujejwe iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu na benegihugu - CADHP- washizweho mu mwaka wa 1986 hakurikijwe amasezerano y’Afirika yerekeye amateka ya kiremwa muntu na benegihugu. Ayo masezerano yemejwe n’Uburundi kw’igenekerezo rya 28 Myandagaro 1989, akaba ariyo yisungwa ubwa mbere na mbere mu guharanira agateka ka zina muntu muri Afirika yose. Umugwi w’abahinga b’Afirika – CADHP- ufise icicaro cawo i Banjul mu gihugu ca Gambiya. Ukora ibice bice, mu nama ziba kabiri mu mwaka. Ugizwe n’abahinga 11 bigenga, basasa umw’umwe wese ku gatwe kiwe, kandi bakaba batorwa mu bihugu vyemeje ayo masezerano.

UWO MUGWI UJEJWE IKI ?

›› Kwubahiriza no gutera intege amateka ya kiremwa muntu ari muri ayo masezerano y’Afirika.

›› Gutanga insiguro y’ingingo ziri muri ayo masezerano ›› Kwihweza ibirego bishikirizwa n’abakorewe ivyaha

canke amashirahamwe yigenga iyo hari Reta zarenze amateka ari muri ayo masezerano.

UWO MUGWI UKORA HARENZWE AYAHE MATEKA YA KIREMWA MUNTU ? Amateka yubahirizwa n’amasezerano yega abanyafirika ari kwinshi. Umugwi w’abahinga b’Afirika urafise cane cane ububasha bwo kunonosora ihonyangwa ry’agateka ka kiremwa muntu mu buryo bukurikira :

›› Uguhonyanga agateka k’ubuzima bwa kiremwa muntu nko mu bwicanyi ndengerabutungane no kunyuruzwa kw’abantu

›› Ugusinzikaza ubuzima bw’abantu canke kubakorera

amabi y’agahomerabunwa, harimwo no gusambanya abantu ku nguvu.

www.achpr.org/fr/

14

›› Ugupfunga abantu guteye kubiri n’amategeko ›› Ukudashobora kwitura ubutungane bwigenga


N’ibiki bisabwa kugira ngo umuntu yitware muri urwo gwego ?

›› Umugwi w’abahinga ba Afirika CADHP usuzuma gusa

ibirego uronse vyitwarirwa Uburundi ku vyaha vyakozwe kuva inyuma y’igenekerezo rya 30 Munyonyo 1989.

›› Idosiye igizwe n’ibirego be n’ivyemezo bikomeye kandi bitomoye niyo ishikirizwa uwo mugwi CADHP

›› Nta rundi rwego na rumwe mpuzamakungu

rwubahiriza agateka ka kiremwa muntu rwoba rwarafashe ingingo ntabanduka kuri urwo rubanza kugirango CADHP irushikirizwe

IBISABWA MU KWAKIRA IBIREGO NI AMANANIZA Ku ngingo 283 zafashwe, umugwi w’abahinga ba Afirika uraba iyubahirizwa ry’agateka ka kiremwa muntu na benegihugu, wemejeko imanza 87 zonyene arizo zikwije ibisabwa ngo zakirwe, nukuvuga ibice 30 % gusa.

›› Inzira zose z‘ubutangane mu gihugu zibwirizwa kuba zarakwirikiranywe

Menya neza : ico gisabwa ca nyuma ntigishobora gushirwa mu ngiro

›› Iyo inzira z’ubutungane ataco zishobora kuvamwo, na cane cane, kubera ko inzego z’ubutungane zitigenga.

›› Iyo inzira z’ubutungane zo kwunguruza imanza mu gihugu zarengeje igihe cumvikana

›› Iyo bishobora kugira ingaruka mbi ku bakorewe

ivyaha canke umuryango wabo mu gihe bokwitura inzego z’ubutungane

›› Iyo ari ihonyangwa rirengeye ry’agateka ka

kiremwa muntu kandi rigakorerwa abantu isinzi 15


UBU BURYO BW’INGENE IMANZA ZISHIKANWA IMBERE Y’INZEGO MPUZAMAKUNGU BWOKORESHWA GUTE ?

Ivyashitsweko bishemeye muri izo manza zose, rumwe rumwe ukwarwo, vyabaye intambwe ikomeye kubakorwa ivyaha. Kuva ubwo, ubwo burorero bubwirizwa kubera icigwa abo bose bakorera mu mashirahamwe atarondera ivyicaro muri poritike kugirango benshi babonereho kwitura inzego z’ubutungane mpuzamakungu. Gutyo, abashingwamanza, abaserukira amashirahamwe ategamiye Reta, abaserukira amakungu canke abategetsi b’Uburundi, basabwe gushira mu ngiro ibikorwa n’ingingo bifatiye ku buryo bwerekanywe muri uru rwandiko. Gutyo, mu bikorwa vyabo bazoba baterereye mu gutsimbataza Intwaro ishingiye ku mateka n’amategeko be n’inzego z’ubucamanza mu Burundi.

16


Abategetsi b’Uburundi

›› gushira mu ngiro vy’ukuri ingingo zafashwe n’inzego

mpuzamakungu zubahiriza agateka ka zina muntu no gukorana n’izo nzego nkuko bitegekwa n’amasezerano mpuzamakungu bemeye

›› Gufatira ku ngingo zafashwe mu gutangura

isubiramwo ry’amategeko rishika kw’itsitso no mu guhindura ingendo n’imigirwa bijanye n’amesezerano mpuzamakungu mu vyerekye iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu.

ABASERUKIRA AMAKUNGU

›› Gusaba ko izo ngingo zishirwa mu ngiro vy’ukuri ›› Gukoresha bene izo ngingo mu kudomako urutoke ku

bitaroranye n’ibibuze mu mategeko y’igihugu, hamwe no gusaba Reta ko ihindura ibikenewe mu mategeko.

ABASHINGWAMANZA N’ABAKORESHA AMATEGEKO

›› Gukoresha imanza zimaze gucibwa mu buryo buteye imbere n’izo nzego mpuzamakungu

›› Gufatira ku ngingo zafashwe mu kuburana no mu gushikiriza ibirego

›› Gusaba abacamanza ko bafatira kuri izo manza mu

gufata ingingo zihuye n’ibisabwa n’amasezerano mpuzamakungu mu vyerekeye agateka ka zina muntu

›› Gushira mu buryo bwo kuburanira abakorewe ivyaha vy’agahomerabunwa ukwitura inzego z’ubutungane mpuzamakungu kugirango ivyaha nk’ivyo ntibigume bidahanwe.

AMASHIRAHAMWE ATEGAMIYE RETA BE N’ABAJEJWE GUKWIRIKIRANA IHONYANGWA RY’AGATEKA KA ZINA MUNTU

›› Gusaba ishigwa mu ngiro vy’ukuri ry’ingingo zafashwe n’inzego mpuzamakungu

›› Gukoresha bene izo ngingo mu kudomako urutoke ku

bitaroranye n’ibibuze mu mategeko y’igihugu, hamwe no gusaba Reta ngo ihindure ibikenewe mu mategeko.

›› Mu gushigikira no mu kuburanira abakorewe

ivyaha, hoshiramwo ukwitura inzego z’ubutungane mpuzamakungu kugirango ivyaha nk’ivyo ntibigume bidahanwe. 17


TRIAL Ishirahamwe TRIAL international ryashinzwe mu mwaka w’i 2002 i Jeneve mu Buswise. Ni ishirahamwe ritegamiye Reta, rikoresha ubumenyi bwaryo mu vy’amategeko kugira riheshe agateka abakorewe ivyaha vy’agahomerabunwa, nk’ihonyabwoko, ivyaha bitesha agaciro runtu, ivyaha bihonyanga amategeko atarengwa mu ngwano, ivyaha vyo gusinzikaza ikiremwa muntu canke kunyuruza abantu ku nguvu. TRIAL international igwanya ukudahana abakoze ivyaha, abafashije mu gukora ivyaha, n’abahimirije gukora ivyaha vy’agahomeramunwa ; iharanira abakorewe ivyaha imbere y’amasentare ari mu gihugu c’Ubuswise no mu bindi bihugu, hamwe n’imbere y’inzego mpuzamakungu zitaho kwubahiriza agateka ka zina muntu Kuva ritangura, ishirahamwe TRIAL international rimaze kuburanira abakorewe ivyaha barenga 350 ribicishije mu manza mpuzamakungu 145. Izo manza zari zerekeye ibihugu bikurikira : Alijeriya, Bosnia-Herzegovina, Uburundi, Libiya, Nepali, Uburusiya na Tuniziya. Vyongeye, iryo shirahamwe rimaze gushikiriza Ishirahamwe mpuzamakungu ry’ibihugu vyunze ubumwe ONU raporo zirenga 40, rikaba kandi ryarashingishije imanza zirenga 120 mu ma sentare y’ibihugu ; nyinshi muri izo zikaba zatumye hatangurwa amatohoza canke mbere n’ibihano bigafatwa. www.trialinternational.org @trial


Issuu converts static files into: digital portfolios, online yearbooks, online catalogs, digital photo albums and more. Sign up and create your flipbook.