
3 minute read
Kugwiza umwete mu bana
1/4
Guteza imbere umwete w’abana
Nkuko bigenda no ku bantu bakuze abana barakeneye kuronswa agashirukabute mu buryo butatu:
1. Ugutahura no kwumva ingorane 2. Agashirukabute 3. Ugushimirwa mu vy’amajambo no guhimirizwa
Igicapo i bubamfu: agashimwe k’umusaruro w’ivyamwa katanzwe n’umunyeshule Brenda agashikiriza Gyavira, Umurongozi w’ikigo “Urugendo rw’ubuzima” iBugande. Igicapo c’iburyo: umunyeshule asyewe n’akamwemwe bahejeje kubagarira ibitoke kw’ishule ntoya ya Lwebitakuli.
2/4
Guteza imbere umwete w’abana
Ugutahura no kwumva ikibazo
• Inyigisho zerekeye amagara y’abantu zagizwe amabanga n’amashirahamwe ya nsumirinda akora imiti. Ayo mashirahamwe akaba aronka uko umwaka utashe inyungu iharurwa mw’ivu ry’amafaranga. Muri ico gihe vitamine C hamwe n’izindi nfungurwa zihambaye ku magara y’abantu ziguma zitera imbere zigaca zigeramira urwo rudandazwa rw’imiti y’ikizungu. • Infungurwa kama niyo nzira itomoye ishobora gutuma abantu bagira amagara meza, mu gihe imiti y’ikizungu ibica bigacika mu kuyatoteza. Imiti y’ikizungu ntivura ingwara ahubwo ipfupfahaza ibimenyetso (imburizi) vy’indwara. Ukudafungura neza niyo nkomoko y’indwara nka zose.

Inyifato y’amashirahamwe akora imiti y’ikizungu «Kugendana n’indwara»
• biyovyabwenge vy’imiti y’ikizungu bihagarika ibimenyetso • Itera izindi ndwara (ingaruka mbi z’imiti) • Yitwararika inyungu gusumba • Yubahiriza ukwigungirako mu vyerekeye ukuvura • Ituma amafaranga akora mu vyerekeye amagara y’abantu aba umurengera

Igicapo i bubamfu: abana bo kw’ishule St. Agnes Education Centre bariko baramanika amatangazo kw’ishule yabo. Indwara y’igisukari irashobora gutuzwa. Igicapo c’iburyo: umwarimu Gyavira ariko yigisha abanyeshule imvo n’imvano z‘indwara y’umutima akoresheje ibicapo. Ibicapo akoresha bivuye muri ya ca cigwa BodyXQ catangajwe n’ Ikigo ca Muganga Dr Rath c’amagara y’abantu. Ibi bicapo vyose n’inyigisho bijanye bikaba biri ku rubuga ngurukana bumenyi bw’ikigo ca Muganga Dr. Rath Health Foundation
Intumbero ngenderwako «y’Ubuvuzi kama»
• Gutuza imvo z’indwara • Gushigikira ku magara y’abantu, ibi navyo bigakorwa ata nyungu ishizwe imbere • Gushira imbere kwirinda indwara, tukazitira tutaronerwa; • Ingingo nyazo kandi zikwiye mu kugwanira amagara y’abantu • Ukugabanya ibice vy’amafaranga akoreshwa ku vyerekeye amagara y’abantu

3/4
Guhimiriza umwete w’abana
Udushimwe
• Udushimwe dutangwa mu gushimira abantu canke abana bakoze gusumba abandi • Udushimwe dutuma hongerezwa inguvu n’ugushaka kwinshi ku bana mu kurangura neza imirimo yabo. • Udushimwe dushobora gutangwa mu buryo bw’ibitabu, impapuro z’umutsindo canke ivyo vyose bishobora gutuma imirimo irangurwa neza.

Ibicapo: Adrine, yahawe agashimwe mu gikorwa co kwandika neza mu mwaka 2015 «Isahani ibereye mu kugwanya indwara z’umutima
4/4
Guteza imbere umwete w’abana
Agashimwe mu mvugo
• Akajambo «Urakoze» ku mwana n’akajambo gakomeye kuko gatuma umwete wiwe utera imbere, ibikorwa bikaboneraho kurangurwa neza • Abana barashima gushimirwa, no kubona batera intambwe baja imbere.
5/4
Akarusho kava mu Nama Nshingamateka y’amagara y’abantu mu mashule ntikagarukira ku gutanga inyigisho yerekeye amagara y’abantu mu kurima ivyamwa canke imboga, ivyo navyo bigatuma amagara amera neza. Ako karusho ni ntangere kararengana izo mbibe: gatuma abana biga kubana n’abandi, kuba mu burundi, gukorana n’abandi mu mirwi, gategura abana ku buzima bw’abantu bakuze. Igicapo c’iburyo: ikiganiro c’Inama Nshingamateka kw’ishule St. Agnes Centre for Education.
Igicapo c’iburyo: Inama Nshingamateka ry‘amagara y‘abantu mw‘ishule ritoya St. Agnes
5/4

Uburorero bw’inyifato ya minsi yose abana baronka mu Nama Nshingamateka y’amagara y’abantu mu mashule:
• Ugukorera mu mirwi – ukwiga gukorera mu mirwi ku bana bose
• Uguhanahana ivyiyumviro – kumenya gushikigira iciyumviro, kugisigurira abandi no gushikiriza ijambo imbere y’abandi • Ukumenya gutunganya akazi – Kumenya ingene umurimo urangurwa mu rupfasoni no mu buntu • Umwizero muri wewe – Ugukomeza ukwizera mu bushobozi zina muntu. • Kuba kizingenza – Gutegura akazi no gufata ingingo
Igicapo i bubamfu: Gyavira, Umuyobozi w’ikigo “Urugendo rw’ubuzima” arikumwe na bamwe mu banywanyi b’umurwi “Urugendo rw’ubuzima” i Bugande kw’ishule ritoya ry’i Bujaga mu gihe bariko baratanga imivyaro y’ibiti vy’ivyamwa kw’ishule.
